Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turikiya: Abashingamateka bateranye ingumu n’imigere bapfa itegeko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turikiya: Abashingamateka bateranye ingumu n’imigere bapfa itegeko (...)

Turikiya: Abashingamateka bateranye ingumu n’imigere bapfa itegeko rishasha

samedi 21 Ruhuhuma 2015

Muri Turikiya itegekeko rishasha rivuga ivy’umutekano ryatumye abashingamateka batowe mu mugambwe uri k’ubutegetsi barwana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari mu nyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka y’ico gihugu.

Mw’ijoro ryo ku munsi wa kane igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2015 abashingamateka bo mu gihugu ca Turikiya bahuriye mu ngoro y’inama nshingamateka bagiye kwiga itegeko ryo kwongereza ububasha ba buramatari mu kwongereza aba porisi. Iryo tegeko ryari rigamije guhasha abagira imyiyerekano. Iryo tegeko ryahavuye rivamwo ingumu n’imigere hagati y’abashingamateka bava mu mugambwe Cumhuriyet Halk Partisi(parti républicain du peuple) watowemwo umukuru w’igihugu Recep Tayyip Erdoğan n’abatavuga rumwe nawe.

Iryo tegeko riha ububasha ba buramatari bwo guta muri yompi abanyagihugu bigira imyiyerekano bakabifashanya n’igipolisi. Abashingamateka batavuga rumwe na Reta bararihakana bavuga ko ari kwaka uburenganzira abanyagihugu uburenganzira bw’imyiyerekano.

Si ubwa mbere abashingamateka bo muri ico gihugu barwanira mu ngoro bakoreramo hakagira n’abakomereka.

Raba aba munsi uko vyagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.