Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turkiya : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje gutwarira bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje gutwarira bose

Turkiya : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje gutwarira bose

lundi 11 Myandagaro 2014

Recep Tayyip Erdogan yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, niwe yaraye atorewe kuba umukuru w’ico gihugu mu kiringo c’imyaka itanu.

Recep Tayyip Erdogan yari umushikiranganji wa mbere wa Turikiya kuva mu mwaka w’2003, akaba yamenyesheje ko agiye kurongora igihugu mu gushira hamwe abanyagihugu bose, mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, mu kurwaniriza hamwe ico ari coc ose, coza kigomba kubasubiza inyuma. Recep Tayyip Erdogan afatwa nk’umuntu akomeye cane muri ico gihugu.

Mu mahiganwa y’ayo matora, uyo mugambo akaba yaronse amajwi agera kuri 52 kw’ijana, nayo uwari arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’uwari ku butegetsi Ekmeleddin Ihsanoglu asanzwe yarananonosoye akahise w’imyaka y’amavuko 70, akaba yaronse amajwi 38, nayo Selahattin Demirtas yari yitoje ku ruhande rw’inkehwa zo muba Kurde, akaba yaronse amajwi 10 gusa kw’ijana.

Recep Tayyip Erdogan akaba yamenyesheje abo arongoye ko, igihe c’amatora giheze, igihe c’ukwikeka abandi kirangiye ndetse igihe c’ugushwana carangiye, ubu ari igihe ku banyaturkiya bose mu guteza imbere igihugu cabo. Avuga ko agiye kuba umukuru w’igihugu w’abantu imiriyoni 77, ko atazotwarira abamutoye gusa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.