Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Turkiya: Uwundi munyagihugu yitavye Imana mu migumuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya: Uwundi munyagihugu yitavye Imana mu migumuko

Turkiya: Uwundi munyagihugu yitavye Imana mu migumuko

mardi 4 Ruheshi 2013

Umunyagihugu agira kabiri yaraye yitavye Imana mu migumiko imaze imisi itanu hagati y’abanyagihugu n’inzego z’umutekano, iriko ibera mu gihugu ca Turquie, ku mugoroba w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013.

Uwo yaraye apfuye abanje gukomeretswa bikomeye n’urusasu mu bumanuko bwa Turkiya afise imyaka 22 akaba azwi kw’izina rya Abdullah Comert. Yitavye Imana ahejeje gushikanwa kwa muganga, habaka hari ku musi ugira gatanu w’imigumuko iguma yitabwa n’abantu isinzi bava mu mihingo yose y’igihugu ca Turkiya.

JPEG - 33.4 ko
Abanyagihugu bo muri Turkiya bari mu myiyerekano

Mw’itangazo Leta yasohoye, igipolisi camenyesheje ko camaze gutangura amatohoza ku rupfu rw’uwo musore yahitanwe n’urusase.

Mu kugaragaza akababaro, abahurikiye mu runani rw’amasendika yo mu gihugu ca Turkiya baciye bamenyesha ko bahagaritse akazi ku kiringo c’imisi ibiri kugira bereke ubutegetsi bo bababajwe n’abo banyagihugu baguma bitaba Imana kandi basabe Leta ivavanure no gukoresha igikenye mu myanya y’imyiyerekano.

Ivyo bakaba bibaye inyuma y’aho abapolisi batereye ivyuka vyinshi birakira ku bantu barenga amajana atanu bari mu myiyerekano i Istanbul.


Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.