Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Turwanye imbanyi ku bakobwa bakiri bato" : Icivugo c’umusi wahariwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > "Turwanye imbanyi ku bakobwa bakiri bato" : Icivugo c’umusi wahariwe (...)

"Turwanye imbanyi ku bakobwa bakiri bato" : Icivugo c’umusi wahariwe irwirirana ry’abantu

jeudi 11 Mukakaro 2013

Kw’isi nzima, igenekerezo rya 11 Mukakaro barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu. Mu gihugu c’Uburundi, uwo munsi mukuru wahimbarijwe ku kibuga c’umupira mu kigo c’urwaruka “Centre Jeunes ” co mu Kamenge bisunze icivugo “Turwanye imbanyi ku bakobwa bakiri bato”

JPEG - 95.9 ko
Parfait Onanga Anyanga, Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi yakiriwe na Claudio Marano, umukuru w’ikigo "Centres Jeunes Kamenge"

Mu matohoza yakozwe, abakobwa bafise imyaka iri hagati ya 15 gushika kuri 19 baharurwa ku miliyoni cumi na zitandatu nibo bibaruka ku mwaka ku mwaka kw’isi nzima, izo mbanyi zikaba kenshi zibahitana, cane cane mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Mu gihugu c’Uburundi, ibice cumi n’umunani kw’ijana vy’abakobwa nibo basama imbanyi bakiri bato, ababangamiwe cane bakaba ari abataronse amahirwe yo kuja kw’ishure n’ababa kure y’ibisagara. Mu biharuro bimaze gukorwa, basanze mu mashure mato mato n’ayisumbuye abakobwa bagera ku bihumbi bitatu n’amajana indwi na mirongo itandatu na bane aribo bamaze gutwara inda mu myaka y’ishure ibiri iheze mu Burundi. Intara zibangamiwe cane akaba ari Cibitoke, Kirundo na Ngozi. Kenshi abatera izo nda abo banyeshure bakaba ari abunguruza abantu ku mapikipiki, abigisha hamwe n’abapolisi.

Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA ryitaho irwirirana ry’abantu n’ineza y’imiryango bahisemwo icivugo co gutuza imbanyi ku bigeme bakiri bato kuko basanze babangamiwe cane.

Muganga Juma Ndereye wo mu mugambi uraba irondoka rijanye n’amagara meza amenyesha ko ahanini ivyo bitigiri vyiyongereye bivanye n’ubukene, ikiyago gike kiri mu miryango aho usanga abavyeyi batubahuka kuyagira abana babo, amashure nayo akaba adafise integuro y’ivyigwa itomoye ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

JPEG - 87.3 ko
Muganga Juma Ndereye wo mu mugambi uraba irondoka rijanye n’amagara meza

Juma Ndereye akaba amenyesha ko bariko barakorana n’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye kugira barabe ingene bokwongera mu vyigwa batanga mu mashure ibiha ubumenyi abana bacaruka, agasaba n’abarongoye amadini gufasha gutanga impanuro mu gihe abarundi barenga mirongo icenda kw’ijana bemera Imana.

JPEG - 94.6 ko
Umuririmvyi Natacha mu ruririmbo rwiwe ariko ahanura abakobwa bakiri bato ko bokwirinda ubusambanyi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.