Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Twitter: Abagetetsi ba mbere muri Afrika mu buhinga ngurukanabumenyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Twitter: Abagetetsi ba mbere muri Afrika mu buhinga ngurukanabumenyi

Twitter: Abagetetsi ba mbere muri Afrika mu buhinga ngurukanabumenyi

mercredi 31 Mukakaro 2013

Abategetsi bo muri Afrika bijukiye gukoresha ubuhinga bwa none, ngurukanabumenyi, kandi bamwe muribo, babukoresha ku rugero rushimishije. Vyemezwa n’abagize ivyigwa ku bikorwa vy’abategetsi bo kw’isi yose bokorera ku murongo ngurukanabumenyi Twitter. Mu bamaze gutera imbere mu buhinga bwa Twitter ku mugabane wa Afrika ni umushikiranganji w’igihugu ca Ouganda, Amana Mbabazi n’umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul kagame.

Vyagaragaye ko ku murongo ngurukanabumenyi Twitter, umutegetsi ateye imbere mu buhinga bwa none kw’isi yose, ari umunyafrika yitwa Amama Mbabazi. Uyo mushikiranganji wo mu gihugu c’Ubuganda arusha mbere n’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Barak Obama kuko ageze ku bice 96 kw’ijana ku biganiro agiriranira n’abamwandikira kuri Twitter. Ni akarorero keza abategetsi bashobora gukoresha mu kuvugana n’abatwarwa, ku murongo ngurukanabumenyi.

Mu matohoza yakozwe na Twiplomacy 2013, mu cigwa cakozwe na Burson-Marsteller ku bategetsi bo kw’isi yose (abakuru b’ibihugu, abashikiranganji ba mbere, abarongoye amadini, abategetsi muvya politike, …) bagera ku 505 bakoresha ubwo buhinga.

Ku ruganda ngurukanabumenyi micro-blogging, niho Amama Mbabazi yama avugira kugira avugire igihugu ciwe ca Ouganda. Mu gihe ba rurangiranwa kw’isi yose nka Bill Gates, Justin, Bieber, Lady Gaga, Rihanna, Oprah Winfrey bagiyeyo kugira bahindure uruganda “Kony 2012”, uwo mutegetsi wo mu gihugu ca Ouganda ntahengeshanya kwikingira akoresheje hashtag. Ahamagarira abo barurangiranwa bose kuza kugendera igihugu ciwe « c’amata n’ubuki ».

JPEG - 143.4 ko
Umushikiranganji wo mu gihugu ca Ouganda, Amana Mbabazi

Ku bice bigera kuri 88 kw’ijana na 82 kw’ijana ku biyago biba hagati y’abakoresha umurongongo ngurukanabumenyi, Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda na Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire, bari mu bategetsi batanu ba mbere kw’isi bakorera ku murongo ngurukanabumenyi Twitter. Iruhande yabo hari Carl Bildt, umushikiranganji w’imigengeranire mu gihugu ca Suede, na Rafael Correa, umukuru w’igihugu co muri Equateur.

Gukoresha umurongo ngurukanabumenyi Twitter, ni ubuhinga budakorwa na bose ku batagetsi bo mu mugabane wa Afrika. Kuri ivyo nyene kandi, « umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, ntarya umunwa. Haraciye iminsi yarahakanye yivuye inyuma ibirego ishirahamwe mpuzamakungu Human Right Watch rijejwe ivy’agateka ka zina muntu ryavuze biciye ku munyamerikakazi Mia Farrow, bivuga ikiroberi gishigikiwe n’Urwanda coba carishe abantu bagera kuri 44 mu buseruko bw’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 13.8 ko
Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda

Ku cirwa cakozwe, umutegetsi wa mbere akurikiranwa kw’isi nzima n’abagera ku 34 576 305. Barack Obama niwe wa mbere naho atishura abamwandikira kandi akavuga gake amazina y’abandi bakoresha umurongo ngurukanabumenyi Twitter.

Mu mugabane wa Afrika, Umukuru w’igihugu ca Mali niwe afise umurongo ngurukanabumenyi unyaruka kuri Twitter, kuko avugana n’inzego zitandukanye n’abategetsi ba Afrika, eka mbere n’abo kw’isi yose. Akurikira kandi agakurikirwa n’ingoro ya Elysée, umukuru w’igihugu ca Sénegal Macky Sall, ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Burkina Faso, Cote d’Ivoire na Guinee, umushikiranganji wa mbere wo mu gihugu ca Norvege, Jens Stoltenberg, Leta y’Urwanda n’umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu c’Ubufaransa, Laurent Fabius.

Ku rutonde rw’ingene abakoresha ubuhinga ngurukanabumneyi baronka umuyaga ngurukanabumenyi(Connection), ibiro vy’umukuru w’igihugu co muri Mali, nico kiza ubwa mbere kuko gifise 12, hagakurikira ikirimba c’umukuru w’igihugu c’Urwanda gifise 8, umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Ethiopia afise 7, Leta y’Urwanda ifise 6 n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Burkina Faso bifise 4.

Umushakashatsi muvy’ubuhinga bwa none, Matthias Lufkens yarasiguye avuga ko Twitter yashoboje ama Leta nka Mali, Sierra Leone, Soudani y’amaja epfo na Somaliya kwiyerekana ku rwego rwo kw’isi yose no kuri Twitter kungana hamwe n’abandi bategetsi muvya politike bari ku rwego rwo hejuru mu bihugu biteye imbere.

Uwahora ari umukuru w’igihugu ca Misiri Mohamed morsi, n’aho yakuwe ku butegetsi n’igisirikare c’igihugu igenekerezo rya 3 Mukakaro, yagumye ari umutegetsi wo muri Afrika azwi cane ku murongo ngurukanabumenyi Twitter. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri afise abamukurikira bagera kuri 1 845 000, akaba ari n’imbere ya Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.