Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Buhindi : Umwana muto w’umukobwa w’imyaka indwi yafashwe ku (...)
U Buhindi : Umwana muto w’umukobwa w’imyaka indwi yafashwe ku nguvu
mercredi 16 Nzero 2013
Umwana w’umuhindikazi w’imyaka 7 yafashwe ku nguvu kw’ishuri mu buzu bwa sugumwe aho uwo mwana w’umukobwa asanzwe yiga.Uwagirizwa amabi nkayo ngo yoba ari umusore w’imyaka 20.
Ngo uwo mwana yafashwe ku nguvu mumwanya w’akaruhuko nkuko igiporisi c’ubuhindi cabimenyesheje ngo ubwo buzu bwa sugumwe mbwegereye ibiro vy’umuyobozi w’iryo shuri lycée Deepvihar akaba ari umukenyezi. Iryo shuri rero ngo rikaba ryari rifise igisata c’amashuri y’intango.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakaba bazindukiye kuri uyu wa mbere kuri iryo shuri basaba ko bopfunga uwo muyobozi w’iryo shuri akaba yagirizwa ko atakoze akazi kiwe ko kwitaho abana nkuko vyategerezwa.
Ivyo rero bikaba vyabaye inyuma yaho mu kwezi kwa kigarama mu mwaka uheze hari habaye amabi nkayo akorewe umwana w’umunyeshuri w’imyaka 20 i New Delhi.
Grace Irimbere