Accueil > Ubuhinga bwa none > U Burundi bugiye guhindura uburyo bwo gutumanatumanako amakuru
U Burundi bugiye guhindura uburyo bwo gutumanatumanako amakuru
mercredi 5 Kigarama 2012
Nk’uko biri kw’isi yose, u Burundi butegerezwa kuba bwamaze gushira amaradiyo n’imboneshakure mu buhinga bwa none numerique gushika kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2015.Naho uburyo bwo gutanguza ubwo buhinga bwamaze kuboneka u Burundi bwaracerewe .
Mu gihe ibikorwa vyo gutanguza ubuhinga bwa numerique biheruka kuba ,abantu benshi baribaza nimba isango ryo kuba binjiye muri ubwo buhinga ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2015 rizogera bamaze kwinjira muri ubwo buhinga ,baribaza kandi ibijanye naho bazokura uburyo bwo kugira iki gikorwa kiranguke .
Concilie Nibigira, umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka yamenyesheje ko amakenga afise ari uko u Burundi bwacerewe ugereranije n’ibindi bihugu.Naho biri uko amenyesha ko afise umwizero ku murwi washinzwe ngo ukurikirane ivyo bikorwa. Yarongeye amenyeshako ari hamwe iyo mirwi yokora neza hanyuma uburyo bugakurikira ata nkeka isango rya Ruheshi 2015 ari ntabanduka.
Ku bijanye n’uburyo buzokoreshwa, umupfasoni Nibigira yamenyesheje ko azi neza ko reta yategekanije uburyo buzokoreshwa mu kwigisha abanyagihugu ibijanye nubwo buhinga, ivyo navyo bikaba bizotangura mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2013.
Kubijanye n’inyubako n’ibindi bikoresho bizokoreshwa muri ubwo buhinga, umushikiranganji yamenyeshejeko u Burundi bufise abamaze kuza kubasaba ko bobaha ingurane narirya bazi ko ubwo buhinga butanga uburyo butari buke ibizotuma bashobora kwishura ingurane .
Umushikiranganji Nibigira yaboneyeho akaryo ko kubwira abategetsi basanzwe bacungera imbibe ko boba magabo kugira ibihugu duhana imbibe ntivyinjize imboneshakure zidakoreshwa muri ubwo buhinga mu gihe baca bazigurisha ku giciro gito.
Mugisha Van Naris