Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Burundi buri mu bihugu 10 vya mbere kw’isi birimwo igiturire-TI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > U Burundi buri mu bihugu 10 vya mbere kw’isi birimwo igiturire-TI

U Burundi buri mu bihugu 10 vya mbere kw’isi birimwo igiturire-TI

jeudi 6 Kigarama 2012

U Burundi bwasubiye inyuma mu bihugu birangwamwo igiturire. Ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International rivuga ko u Burundi buri mu bihugu 10 vya mbere birimwo igiturire cinshi.

U Burundi bufise ikibanza kimwe n’igihugu ca Venezuela, Haiti, na Tchad. Mu bihugu vya Afirika, ibihugu vya Somaliya na Soudani nivyo vya mbere birimwo ibiturire vyinshi, biri ku rutonde rw’173. Nivyo vyonyene biri inyuma y’u Burundi muri Afirika, nabwo buri kukibanza c’165 mu bihugu 174 vyakozweko amatohoza kw’isi.

Ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International rivuga ko ivyo biharuro bitangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu 13 y’ubutunzi nk’ibanki y’isi yose, ikigega mpuzamakungu c’ubutunzi FMI, ibanki ya Afirika y’iteramberr n’ibindi.
Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, ngo nta gitangaje kirimwo kubona u Burundi bubandanya bufata ibibanza bibi kw’isi mu kurya ibiturire.’’U Burundi bwatanguye gufata ikibanza kibi kuva mu mwaka w’2005, aho bwari mu bihugu 30 vya mbere kw’isi birimwo ibiturire, mu mwaka w’2008 u Burundi bwari bugeze mu bihugu 20 vya mbere kw’isi’’.

Gabriel Rufyiri amenyesha ko ata politike itomoye ihari yo kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta. ‘’Abategetsi benshi basigaye ari abadanbaza kandi amategeko atabibarekurira, biha amasoko ya reta. Amategeko yo kurwanya ibiturire ntatomoye kandi arimwo utunenge. Rimwe na rimwe mbere yorohereza abategetsi mu kunyuruza amatungo ya reta. Abarya ibiturire basigaye barusha inguvu reta’’.

Iryo shirahamwe OLUCOME ryemeza ko ibiharuro rifise vyerekana ko amadosiye arimwo inyuruzwa ry’amafaranga arenga imiliyaridi 500 amaze gukorwa ariko bene kwagirwa ivyo vyaha bakabandanya bidegemvya. OLUCOME ribonako ari agahombo gakomeye ku gihugu n’abanyagihugu.

Mu Burundi hariho igipolisi kirwanya ibiturire, sentare icungera amatungo ya reta, ubugenduzi bukuru bwa reta n’ayandi mategeko yo kurwanya ibiturire. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poilitike amenyesha ko izo nzego zose atabubasha zifise bwo gukurikirana abategetsi barya ibiturire canke banyuruza amatungo ya reta.

Ayo mashirahamwe asaba ko hojaho sentare idasanzwe yocira imanza abategetsi gusa. Asaba kandi ko reta yofata ingingo ruhasha zo gucungera amatungo ya reta no guhasha abarya ibiturire ata kuraba nkunzi canke ka mwana wa mama.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.