IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > U Burundi bwemeye kurungika abasirikare muri Mali

U Burundi bwemeye kurungika abasirikare muri Mali

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba yavuze ko ari agateka k’u Burundi kurungika abasirikare muri Mali kuko ngo bitanga ishusho nziza. Ntiyavuze igitigiri c’abazorungikwa ariko yemeje ko u Burundi bwihaye intumbero yo gufasha ibindi bihugu.

Iciyumviro co kurungika abasirikare b’abarurundi muri Mali gucungera amahoro no gufasha kwigarurira igice c’uburaruko bw’ico gihugu, ahifatiwe n’intangondwa z’aba islam catanguye kuvugwa mu ntango z’ukwezi kwa Nzero uyu mwaka. Aho hari mu rugendo umukuru w’igihugu ca Benin Boni Yayi, arinawe arongoye umuryango w’Ubumwe bwa Afirika UA, yariko aragira mu Burundi. Mugenzi w’u Burundi Pierre Nkurunziza yamwereye ko mugihe Mali yobisaba kumugaragaro, u Burundi bwiteguriye kuja gufasha.

Umushikranganji w’imigenderanire n’amakungu Ambassadeur Laurent Kavakure yaraye abitangaje icese ari muri Cote d’Ivoire. Yavuze ko u Burundi buzobarungika vuba kugira baje gufasha ingabo z’u Bufaransa n’iza Afirika y’Uburengero CEDEAO.
Umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba yambwira ko ari agateka kubona u Burundi buriko burasubiriza mu ndumane ibindi bihugu vyabufashije igihe bwari mu ntambara.

Philippe Nzobonariba nawe yavuze ko u Burundi bwihaye intumbero yo kurungika abasirikare n’abapolisi mu bihugu vyose ahohose hazoba hakenewe. Ngo kuko n’igihe u Burundi bwari mu ntambara, gushika mu masezerano y’i Arusha no mu gucanga igisirikare ca Reta n’abarwanyi ibindi bihugu vyagumye biri hagufi mu muburyo no mu ngabo zacungereye abarwanyi bari batahutse.

Abavuga ko u Burundi bwoba bushaka kwikundwakaza mu kurungika ingabo mu bindi bihugu, Philippe Nzobonariba avuga ko ari abatazi canke biyobagiza iyo igihugu cavuye. Abasaba kuereka gucafuza igihugu.

U Burundi busanzwe bufise abasirikare n’abapolisi mu bihugu vya Somaliya, Cote d’Ivoire, Sudani, Haiti, Erythree n’ahandi.

Mukamenya ko umugambi wo kugarukana amahoro mu gihugu ca Mali urongowe na Pierre Buyoya, yahoze arongoye igihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.