IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > U Burundi bwiyemeje kurungika abasirikare mu rwego rwa MISMA

U Burundi bwiyemeje kurungika abasirikare mu rwego rwa MISMA

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza mu rugendo arimwo mu gihugu ca Cote d’Ivoire,yaramenyesheje ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma ku murwa mukuru wa politike w’ico gihugu Yamoussoukro ko Uburundi buzorungika abasirikare mu rwego rwa MISMA rwo gushigikira igihugu ca Mali.

Ivyo umukuru w’igihugu yabimenyesheje mu mubonano wabereye mu mwiherero wamuhuje na bagenzi we batwara ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi bw’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero CEDEAO ,bahuye mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2013 mu nama ihariwe kwiga ibibazo vy’intambara muri Mali no muri Guinee Bissau.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyashimye gushikiriza igitigiri c’abasirikare igihugu c’Uburundi kizorungika muri Mali mu rwego rwa MISMA kuko bazotegerezwa kubanza kubiganira mu nama nshingamateka.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ivyo bitegerezwa kuba bitunganijwe neza kandi bakabiganirako mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uburundi ntiburi muri iryo shirahamwe rya CEDEAO ariko bwatumiwe muri iyo nama kuko buzi vyinshi mu gikorwa co kubungabunga amahoro, nko muri Somaliya ahari abasirikare b’Uburundi barenga ibihumbi bitanu.

Mu gatondo, Idriss Debi Itno umukuru w’igihugu ca Tchad naco kitari muri iryo shirahamwe ariko carungitse abasirikare muri Mali yarakeje umukuru w’igihugu c’Uburundi kuba yaremeye gukora igikorwa nk’ico co kurungika abasirikare.

Iyo nama iriko ibera I Yamoussoukro yahamagariye amakungu guterera cane kugira intambara muri Mali zihere, mu gihe bisaba uburyo bwinshi mu bijanye n’ibikoresho hamwe n’uburyo bw’amafaranga.

Tubibutse ko impande y’ ibihugu vyo mw’ishirahamwe CEDEAO, igihugu c’Ubufaransa carungitse abasirikare muri Mali, Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubwongereza navyo vyatanze ibikoresho.


Jean Michel Ndayikengurukiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.