Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubu asigaye yitwa Docteur Maragarita Barankitse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ubu asigaye yitwa Docteur Maragarita Barankitse

Ubu asigaye yitwa Docteur Maragarita Barankitse

jeudi 16 Rusama 2013

Ukwezi kwa Rusama, ni ukwezi gukomeye cane muri za kaminuza zo muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Ni muri ukwo kwezi cane cane aho usanga za kaminuza ziha impapuro z’umutsindo, abanyeshure baheje amashure, haba abahejeje imyaka ine ya mbere, canke abaminuje gushika mu ku zindi mpapuro z’umutsindo zikomeye.

Hariho kandi n’urundi rwego rw’impapurozo z’umutsindo bita Doctorat Honoraire, ishure kaminuza iyariyo yose yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika ishobora guha, umuntu wese yabaye rurangiranwa, haba mu bushakashatsi yakoze, canke ku buntu bwiwe.

Ku munsi w’Imana rero muri kaminuza yitwa Duke University hari ibirori bidasanzwe aho abantu batandukanye bo mu bihugu bimwe bimwe baronka ubushimwe baravye ico uwo muntu yoba yaramaze.

Muri urwo rwego rero rw’abantu baronka impapuro z’umutsindo zikomeye, bita Doctorat Honoraire, kubera ibintu vy’akataraboneka baranguye mu buzima bwabo ku musi w’Imana igenekerezo rya 12 Rusama, muri Kaminuza Duke University, harimwo umufasoni ava mu Burundi Maragarita Barankitse, arongoye ikigo bita “Maison Shalome.” Co mu ntara ya Ruyigi.

Umuyobozi w’iyo kaminuza Richard H. Brothead niwe yashikirije urwo rupapuro rw’umutsindo, umufasoni Maggy Barankitse, yakejwe cane gose ku ruharara yagize mu gukingira abana bose bava mu bwoko butandatukanye, cane cane impfuvyi, igihe abo bana bari bageramiwe n’ibiza bitandukanye. Uwo muyobozi akaba yarashimiye umupfasoni Barankitse ubwira, ubwitonzi n’ubwenge yakoresheje mu kurera abo bana batandukanye bari bahuye n’ingorane z’intambara, akabarera nkabo yakuye munda iwe.

Duke University iri mu ntara ya Caroline y’Uburaruko, yarashikirije rero umufasoni Marguerite Barankitse urupapuro rw’umutsindo rw’ icubahiri rwo kwitwa, Doctor of Humane Letters, mu rurimi rw’icongereza.

Abandi bantu rurangiranwa baronse agashimwe nk’ako bahawe n’iyo kaminuza Duke University, ni Thomas, M Gorrie, David Sean Ferriero, Henry Louis Gates, Jr., William Hunt Gross, umutamvyi yabaye rurangiranwa mu gutamba, Judith A. Jamison hamwe na Melinda Gates umutambukanyi wa Bill Gates.

Aho arangirije kuronka ako gashimwe ahawe na kaminuza, Duke University, umufasoni Margarite Barankitse yaciye afata indege imujana mu gisagara ca Atlanta mu ntara ya Georgia, aho yaragiye kuronka urundi rupapuro rw’umutsindo, ahawe na kaminuza ikomeye yo mur’ico gisagara, yitwa Emory University.

Kuri iryo teka umupfasoni Maragarita Barankitse yatewe ryo kwitwa Docteur muri za Kaminuza zitandukanye zo muri Amerika, yatubwiye ko afise akanyamuneza ntangere ahubwo we abona ari ibitangaza Imana iriko iramukorera.

Abantu baronkanye agashimwe nawe ni abantu bakomeye cane, ari naco gituma yatangaye asanze nawe bamushize mu bantu baza kuronka urupapuro rw’umutsindo rukomeye cane bita Doctorat

Docteur Maggy Barankitse akaba yaboneyeho akaryo ko kugiriranira imigenderanire n’abantu barikumwe muri ivyo birori nk’umupfasoni Melinda Gates yemeye kuzogendera Uburundi mu nzira yo guterera igihugu, ndetse abantu bose barikumwe uretse ko bipfuza kugendera Uburundi ngo baburabe, na Barankitse yaronse ubutumire bwo kuzogendera abo bashingantahe n’abapfasoni bahawe icubahiro co kwitwa Docteur.

Arangiza avuga ko iyo ukoze ikintu, ukagikorana umutima mwiza, abantu baba bakubona kandi baraheza bakagushimira, ari naco gituma ashimira abarundi bose kuko ico gikorwa yagifashijwe n’igihugu, ndetse akavuga ko n’ako gashimwe ari ak’abarundi bose.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana nibandanye ikuja imbere kuko ivyiza ukora ntaworeka kubishima!maman nationale niwirambire hama Imana ibandanye igutera iteka naw ubandanye uritera abana bawe b’igihugu!hezagrwa muvyeyi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.