Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Uburyo bwo gutumatumanako amakuru biciye kuri "WhatsApp" bwaguye (...)
Uburyo bwo gutumatumanako amakuru biciye kuri "WhatsApp" bwaguye imihora
jeudi 22 Nzero 2015
Uburyo bwo gutumanako amakuru biciye mu butumwa ’’Whatsapp" bugiye gukoreshwa no ku nyabwonko (computer) mu gihe yahora ikora ku ma telefone ngendanwa gusa.
Inyuma yaho ikigo c’urubuga facebook kiguze ikigo co gutumatumanako amakuru biciye mu buryo bw’ubutumwa "whatsapp", ubu ubwo buryo bwateye imbere. Ubuyobozi bwa whatsapp bwatangaje ko ubwo buryo bwo gutanga ubutumwa "whatsapp"bugiye gukoreshwa no kunyabwonko, mu gihe tuzi ko yakoreshwa gusa kuri terefone ngendanwa.
Ubwo buyobozi bongera bavuga ko ubwo buryo buzosaba kuba ukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi (internet), kandi ko mu gihe terefone ngendanwa irimwo ubwo buhinga, umurongo wayo uzohuzwa ni nyabwonko y’umuntu ariko arayikoresha. Mugabo abazokoresha ubwo buryo bushasha n’abafise terefone zo mu bwoko wa Android, Windows mbere na Blackberry.
Kugira umuntu ashobore gukoresha ubwo buryo bisaba ubwa mbere kuba ukoresha muri terefone whatsapp igezweho (Latest Version), hama ukagenda ku rubuga rwa whatsapp (web.whatsapp.com), aho umuntu aca abona code izwi cane "QR" maze ukayifotora (scan) ukoresheje terefone ngendanwa.Haheze umwanya muto umuntu arashobora kubona whatsapp ku nyabwonko yiwe agaheza akayikoresha.
Mwomenya ko ubwo buryo bwo guhanahana ubutumwa budashoboka ku bantu bakoresha amaterefone yo mu bwoko bwa Iphone kubera ibintu, ishirahamwe Apple na whatsapp, batarumvikanako.Ubu mukamenya ko ubwo buryo bwo guhanahana amakuru biciye mu butumwa whatsapp bukoreshwa n’abantu barenga imiriyoni 500 kw’isi.
Lorene Nubwabo
Messages
23 Nzero 2015, 13:36, par MVUZO
Ivyo vyatanguye kera nanje ndayikoresha munyabwonko yanje
25 Nzero 2015, 21:21, par Nahimana Jean
Ndashima cane iki kibuga dukoresha mu kurungika ubutumwa
28 Ntwarante 2015, 12:27, par Niyongere Alfred
None Ntawokoresha Itel kumvo Zo Kworohereza Abanywanyi? Murakoze!
18 Ndamukiza 2015, 06:12, par NKURUNZIZA THEOPHILE
NONENKATWE DUFISE ITEL TUBAYE ABANDE?NIMUTUGERAGEREZE NATWE .MURAKOZE,
4 Rusama 2015, 21:45, par nzoyihaya augistin
amakuruyinomusiba vuze iki? imyiyerekanoyabandanije sawa
4 Rusama 2015, 21:49, par nzoyihaya augistin
amakuruyinomusiba vuze iki? imyiyerekanoyabandanije sawa
15 Rusama 2015, 18:40, par Elihoud
Najewe Nshaka Gukoresha Ubwo Buryo Nobigenza Gute?
4 Ruheshi 2015, 12:11, par Ndayitwayeko
Twebwe Dukoresha Itel Muraduhevye ?
4 Myandagaro 2015, 08:19, par jean marie.
nivyiz, aliko kuvyukuri niphuza kumenya ingene nozandaronka amakuru nokumenyana,nabagenz
5 Munyonyo 2015, 03:03, par DIAMOND
INGO
5 Munyonyo 2015, 03:04, par DIAMOND
INGO
2 Kigarama 2015, 16:59, par Niyonzima Willy
Uwufise Terefone Ntoya Ugabo Irimwo Watsp Ubwobuhinga Ntazobukoresha.
25 Nzero 2016, 03:43, par ntibazonkiza reverien
shaka nanje niyunge namwe
31 Ntwarante 2016, 10:12, par NKURUNZIZA
TURATEYEIMBERE
30 Rusama 2016, 23:06, par DIAMONDE
Jewe Fise Phone Irimwo Fesboock Nkabaipfuza Kumenya Ingene Notora Indirimbo Ziwe Bazitora Gute? Tubay Turabashimira Kunyishu Muduha Murakoze
4 Ruheshi 2016, 21:16, par Nduwayo Sylvestre W.C.F.
None Muri Telephone Whatsapp Bayikoresha Gute?
4 Ruheshi 2016, 21:25, par Sylvestre W.C.F.
Nshaka Kwiyandikisha Kurubuga,None Ndabigenze Gute?
1er Nyakanga 2016, 09:39, par Syriaque
Ibntu Bivurwa Kumusaga Nibiki
15 Nyakanga 2016, 15:14, par cyriaque
Ndashaka Kwiyandindikisha Birashoboka?
19 Gitugutu 2016, 11:25, par egide
nonetuzobigenzagute
2 Munyonyo 2016, 19:57, par Leonce Ngendakumana
Uwufise Itel Ntiyikoresha
19 Munyonyo 2016, 16:02, par NKENGU
NFIS,TECNO"NTIBIKUNDA
22 Kigarama 2016, 21:55, par benegusenga benoit
je mfise itelNini mwumva vyogenda gute?
7 Ndamukiza 2017, 17:21, par tharcisse
nisawa
4 Nzero 2018, 12:15, par enock
Nshaka Kubon Umudug Waguy Muruyig