Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububiligi bwuguruye ikigo kizohungiramwo abagabo bakubitwa n’abafasha (...)
Ububiligi bwuguruye ikigo kizohungiramwo abagabo bakubitwa n’abafasha babo
jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par
Mu gihugu c’Ububiligi, abagabo bakubitwa canke bahura n’ayandi mabi mu rugo, guhera mu kwezi kwa Ntwarante bagiye kuzoronka ikigo bazohungiramwo, kikazoba kiri mu karere ka Malines.
Ico kigo abo bagabo bazohungiramwo kikazoba ari naco ca mbere gifasha abashingantahe, ibigo vyose vyahahora vyakira abakenyezi gusa. Umugabo umwe kuri mirongo ibiri niwe yahohotewe mu rugo mu Bubirigi, mu mwaka uheze w’2014, ku mugore umwe kuri cumi, nk’uko biri mu biharuro vya Steunpunt Algemeen Welzijnswerk. Bikavugwa rero ko n’abagabo bashobora guhohoterwa n’abo bubakanye canke imiryango yabo.
Naho bivurwa cane ko abagore aribo bahohoterwa, ku rugero rwo hejuru n’abagabo babo, ubu ho uburorero butari buke buratanguye kwibonekeza ko n’abagabo nabo basigaye bahohoterwa.
Amwe mu mabi akorerwa abo bagabo nayo si ayandi, bavuga ko abakenyezi babo babata mu mazu, maze bakaja kurondera abandi bagabo, canke bagatwara abana batababwiye. Hari abavyara abana atari ababo, bagahora kuko atako baba bari bugire.
Aha twovuga kandi nk’ibijanye n’abagabo birukanwa mu ngo n’abapfasoni babo, abagabo barazwa hanze iyo batashe bwije bavuye mu bagenzi babo, abagabo baturubikwa n’abakenyezi babo, hari n’abakubitwa, abimwa ijambo mu rugo, abimwa ivyo gufungura n’ibindi.
Floxella Karire
Messages
28 Ruhuhuma 2015, 14:01, par NTACONARIMZI
Yemwe icokigo kirakenewe no muburundi kko abagabo turahoterwa cane bikaba ihorera
28 Ruhuhuma 2015, 14:04, par NTACONARIMZI
Yemwe icokigo kirakenewe no muburundi kko abagabo turahoterwa cane bikaba ihorera
1er Ntwarante 2015, 10:01, par rupande
Ico kigo nikinyaruke mukama!! Naje umugore yarantikuye umudahara mundwi iheze, noca ndagihungiramwo
2 Ntwarante 2015, 16:44, par NDUMIWE
RUPANDE IHANGANE,SENGA ICO KIGO KINYARUKE