Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububiligi :Umwami Albert wa kabiri agiye gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububiligi :Umwami Albert wa kabiri agiye gutanga imihoho

Ububiligi :Umwami Albert wa kabiri agiye gutanga imihoho

jeudi 4 Mukakaro 2013

Umwami w’ububiligi ,Albert wa kabiri ,yaramenyesheje kuri uno wa kabiri ko azotanga imihoho kuri uno wa 21 mukakaro aho azoba ahaye ikibanza umuhungu wiwe Philippe amusubirire ,igihe igihugu c’ububiligi kizoba gifise umsi mukuru mu gihugu cose.

".AHO afise imyaka 79 y’amavuka ,uwo mwami avuga ko adakeneye kuguma ku butegtsi vyanka bikunda ,kuko ku myaka afise usanga hari n ’igihe bigorana gukora amabanga ajejwe neza cane.

Nabonye ko ku myaka mfise hamwe n’amagara yanje ukuntu yifashe bitakinshobokera kurangura amabanga yo kurongora igihugu nk’uko bibereye nk’uko navyifuza ivyo yabivugiye ku mboneshakure aho yariko abimenyesha abanyagihugu biwe.

Yavuze ko abafitiye icizere nta ngere ko ari nayo mpamvu abamenyesheje ko ategura kuzotanga imihoho kuri uwu wa 21 mukakaro aho muri ico kibanza hazoca haja umuhungu wiwe Philippe ,umuganwa w’umuragwa.

Uwo mwami Albert akaba yavutse mu mwaka w’1934 akaba afise abana 3 ,Albert yashitse ku ntebe y’ubwami ku myaka 59,igenekerezo rya 9 myandagaro 1993 ,inyuma y’urupfu rw’uwo bavukana baoudouin.

N’aho ibikorwa vy’umwami w’ububiligi atabushobozi n’abumwe mu vyerekeye ivyo kurongora igihugu,ahubwo ikibanza ciwe cari nk’ishusho mugabo iyo shusho ikaba yatuma ubumwe butsimbatara hagati y’abanyagihugu mu bubiligi.Uwo mwami Albert wa kabiri akaba yarakoze igikorwa kinini co kubumbatira kunywana kw’abanyagihugu igihe igihugu cari ko gica mu ngorane yatumye inzego z ‘igihugu zisa nizidakora neza mu mwaka wa 2010 na 2011.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.