Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi buragabisha guhagarika imfashanyo mu bindi bisata mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi buragabisha guhagarika imfashanyo mu bindi bisata mu (...)

Ububirigi buragabisha guhagarika imfashanyo mu bindi bisata mu Burundi

jeudi 18 Ruheshi 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu Didier Reynders,amenyesha ko mu gihe ibiganiro bihuza abarundi bitosubira gutangura mu ntumbero yo kuzana icuka ciza mu gihugu,igihugu ciwe gihagaritse imfashanyo zose cahora giha Uburundi.

Abicishije kw’iradiyo y’abafaransa RFI, Didier Reynders yavuze ko Ububirigi budashobora gushigikira amatora biboneka ko adatunganijwe mu muco, atitabwe na bose kandi atabaye ku mugaragaro.

Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe imigenderaniye yavuze ko, iyo ngingo yafashwe mu gihe hari ibiganiro vyategerezwa guhuza abarundi, ariko bikaboneka ko hari bamwe batagomba kworohereza ico gikorwa.

Didier Reynders yavuze ko, inyuma yo guhagarika imfashanyo mu nzego zijejwe umutekano, ibindi bisata uko biri kwose, navyo bidashobora kuronswa imfashanyo,uko zoba ziri kwose.

Mu gihe Ububirigi bwari bwemeye gutanga imiliyoni zine z’amafaranga y’abanyaburaya,mu gushigikira amatora, Ububirigi bwari bumaze gutanga igice cayo. Imiriyoni zibiri zikaba zitagitanzwe nk’uko vyari vyitezwe.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu,akamenyesha ko ata matora meza, abaye mu bwigenge no mu mutekano ashoboka mu Burundi, mu gihe ibintu vyoba bikimeze uko biri.


IGIHE

Messages

  • Mwobamukoze Gukontagushikira Umuntu Mumakosa

  • nibabihagarike,naho twebwe abanyagihugu aritwe tuzohasinzikarira,kuko bavuze ngo n,ikinini canyuma ngo nic,umukuru w,igihugu,mugabo bazogaragare ko ari ababeshi kuko bama bihaya ngo naho imfashanyo zobura ngo bazorondera izindi ncuti,nibagende muri irani n,ubushinwa ndabe ko babarenza ibihumbi ijana

  • nimuvuge harigihe bokumva

  • uraba wumva reta we!! aha tugira twicw n’ubuken kubera umuntu umwe naw suwundi ni nkurumbaya

  • Ahubwo mbona invamakungu zose zituhubahuka kuvuga kuvyerekeye mandat, yo soko ry’ivyago mu BURUNDI.mais petit àpetit on peux

  • ahubwomwatebeje.zibiravyosemberehafatwena ambarago.kuko abarundintakindi dushoboye atarukwicanagusa.igihugugikenyekubwakagwikagifukamyemunda!ikibabajenabanyagihugubatobatobarikobagwamumporera!ese iyabamwafatiribihano abonyenekwezizamarere.

  • ahubwomwatebeje.zibiravyosemberehafatwena ambarago.kuko abarundintakindi dushoboye atarukwicanagusa.igihugugikenyekubwakagwikagifukamyemunda!ikibabajenabanyagihugubatobatobarikobagwamumporera!ese iyabamwafatiribihano abonyenekwezizamarere.

  • ahubwomwatebeje.zibiravyosemberehafatwena ambarago.kuko abarundintakindi dushoboye atarukwicanagusa.igihugugikenyekubwakagwikagifukamyemunda!ikibabajenabanyagihugubatobatobarikobagwamumporera!ese iyabamwafatiribihano abonyenekwezizamarere.

  • Ububirigi Nimwedusigaye Duhanzamaso Naho Atarikovyategerezwa Kugenda Kuko Pita Nkurunziza Yananiwe Nogukwirikiza Amasezerano Ya Arusha. Mukureka Mandaya3 Turasavye Nibindibihugu Bikunduburundi Bifatiringingo Pita Nkurunziza Kugira Areke Gutigihugu Mumanga.

  • Nimurambe banyakubahwa muzugare zose turabe abo bavuga ngo akimuhana kaza imvura ihise turabe ingene babaho mais mwibuke ko na south africa isaba imfashanyo nketswe uburundi,umunyagihugu nyarucari kovya murime nayo abakozi bareta agashara karagabanuka,amatora yarahushije agashahara kanyu muragabe,ibiciro tugomba tubirabe.mukwirikira ubwije.

  • NONE GAYEMWE KUDADAZA KWA BARUNDI KUGIY KUGZA H IGIHUGU?NIBAGANIR NIWO MUTI.

  • None ku burundi amatora aracashoboka ?aho bigeze ubu!

  • None dutege umutwe nkumumobwa? Ariko mubona ejo ari heza ku burundi? Mana tuje imbere

  • Nibamenyeko Twikukiye Nibaduhe Bashaka Bareke Tuzorondera Ahandi Umugenzi Nsububirigi Gusa.

  • None ga yemwe,abategetsi bacu barakenyeye amakungu adukureko amaboko kubera akagwu k’intumva? kananirabagabo ntiyimye. kandi ngo agasozi kari amarere kahiye abagabo babona. Nibemere ibiganiro hanyuma habe amatora yumvikanywe na bose. Amaradiyo yugururwe,abahunze bahunguke,ibirwanisho bavyake abatabifitiye uruhusha. Burya ibigiye inama bigira Imana. Ntq nyungu mu kudadaza. Iki gihugu kigeze aho aho kiri uyu musi kubera ibiganiro.

  • ehee imbonerakure muraho muraduza amabokohejuru ko ibintu bibandanya kugorana

  • bazoyashora biyemera cane canke nabo bafate ingingo bayahebe nakare ntamatorayo munduru bayahebe tugiramahoro

  • Atarakogafashanyo mwoduhaye muhagaritse, nayo amatora nayabarundi kandininabo bafise uburenganzira bwogutora sababiligi bazotira gukurikirana amatoranavyo numurimomwitumo.

  • ntimwibagire ivyo abo bagabo bakoze muburundi murwanda nahandi,nibareke kwivanga nibaje iwabo canke bashaka yamagi namata ninka namasoro?ico nikibazo c’abarundi gusa

  • UHUBWO ABAVUGA KW’AMATORA ADASHOBOKA NIBAGIRE IVYO BATEGUYE NKUKO MBONA BABITANGUYE MUKWICA IMBONERAKURE KAZIMA ARIBO BABITAGUYE NYABAHUNGU NYENE BAZOBITABA NIBARINDIRE

  • Reta yu burundi yicamatwi kuvyo bayihanura vyose ntivyunva bica inyuma yamatwi ninacogituma baduhagarikira imfashanyo none gayemwe twicwe ninzara kubera umugabo umwe gusa peter guko yase kurekura iyomanda niyiyunvire guko murabona komumisiza kwarihabi kubuzima amakori nayo azocaba maremare kubera guhagarika imfashanyo

  • YOOO.ABARUNDI TUGIYE KUBA ABANDE MARARIYA MUBURUNDI IRABICIYE UBUKENE NABWO NUKO. NON UBUBIRIG NABWO BUGIRE BUNDUKURE KWAMABOKO NABO BA NYAPORITIK NTA VYIZA BASHAKIRA UBURUNDI NTIBAZI KO BAZOFA BAKABISIGA AHA MWISE? NIBATAKWIHANA BARAGOWE NIGUSENGERA UBURUNDI

  • None aba DD amatwi yabo arimwo INGESE?

  • NtamatorA turota twitaba kandi uwuhaw n,abantu yakwa n,abantu

  • MBEGA YEMWE KIZIGENZA WU BURUNDI NTIYOVA MUGACERE ARIMWO AKUMVIRA IMPANURO YEMWE BARAVUGA NTIBAVURA

  • barashaka bareke ariko azoba adasivye nakare amazimasabano namarimvyiro.

  • ntabara mutubarize uw mu flama nambz atar umu waron ivyo nintu agombz kugira azane imfashanyo ziw.imigumuko imana yayihagarits .igihug kiratekany,igihugu kigeze mu matora.non ko boganiriye kugir ng umutekano uboneke,ubu ivyo biganir vyob biba ng bige iki?abarundi batagiy mwibarabara turiruhiye dukeney gutora gusa.ivybkudutevya.Oya.niba arindiriy abahenz bamw mubarundi ngo tuzosubiranamwo ,aya.twarize ubu turaciy akenge.ntidukeney namba ibiganiro bidahera .ubu turiruhukije .amatoraa gusa.ibiganiro vyarahez kandi ntibikabe imana yatabaye abantu bayo.uwumva niyumve imana itashe i burundi turagiye mu matora ,ibiganiro imbere yamatora ,oya ,inyuma yamatorz ,ego .

  • Nibatware izo mfashanyo, bagira izo mfashanyo zabo nizo zari zitunze abarundi? mbe batarazizana abarundi ntibariho? barabonye ivyo badukangisha. Kanatsinda barayamaze ngo:akimuhana kaza imvura ihise. Nibatware ayo majwe nabo ngo imfashanyo. abo bampatse ibihugu turabiyamirije, Nejo na hirya yejo ntibazosubire kutwifatira imugongo ngo izo ngigwa mfashanyo. Assez c’est assez!!!

  • WANKA KWUMVA IMPANURO Z’ABASHINGANTAHE UGAPFA NK’INTOZO!DD YARIKWIYE KUZIBURAMATWI YABO AKUMVA!UMUGABO N’UWUHANUGWA AKUMVA!

  • Reta Niyo Iriko Iritera Ingorane!! Kuki Banka Ibiganiro Navyo Arivyo Vyaduhaye?? Erega Nimwibuke Ko Mutafashe Igihugu N’umuheto!!! Mutinya Guharira Kuko Mwoca Mutsindwa??? Koko Biribonekeza Amanyanga Mugira Ntimwoshobora Kuyasigura Muri Débat!!! Ariko Mwibagira Ko Abarundi N’amakungu Babibona!!!! Muzi Guhisha Umwotsi Inzu Yahiye Ntakindi Muzi Mukibagira Ko Bidakunda!!! Bitebe Bitebuke Muzohinyuka!!

  • Mbega
    Petero Nkurunziza ikikunezeza nukwitwa president Amakugu atakwemera canke abanyegihugu utwaye bapfira mukambi Tanzania ni murwanda raba amakugu bagiye ku kufatira ivyemezo mbega amahera wowed na kangwi Kawe uzabarira abanyegihugu inyugu urondera arizihe

  • ikibabaje suko cndd fdd yifuza gutwara ahubwo yifuriza abarundi ivyago bisumbivyo nkibaza ikibi abarundi bakoreye pita nkurunzi kugezubu inzara nubukene nivyovyibonekeza hose non bahise mwoko imfashanyo ihagarikwa mwunva bigiye kugenda gute?

  • Biragoye ariko abasenga bagume kumavi haragezze!!

  • jewe ndibaza yuko,nahoboreka kudufasha,igihugu cu Burundi nikibaho kubera abana babantu,umugami wi Mana huracari uryanyene kugihugu cu Burundi,namba bagihora abaDD baribesha cane.

  • Ohooo karabaye noneho iryavuzwe riratashe yamatoravurwa jesinitezekwazobaa

  • Jewe nanje ndabona Ko uwudashaka kudufasha kugira amatorabe twomusaba kudukura urwamo mumatwi hanyuma amatora niyahera ivyobuganiro vyurudahera babibandaye benevyo arikotwebwe abenegihugu twabanje gukora ibituraba ndababwirako ntamubtunumwe ashobora gukenyura ikibazo kirihagati yabanye politike atari abarundi babicishije mumatora murekerero kujakure ndababwirako twagiriwe Ubuntu kubona haje amatati hagati yabanye politike igihecamatora cageze. Nyarutsarero mutwereke udusadugu duce urubanza impaga.

  • IKIBABAJE NIKIMWE!KUBONA UBURUNDI BWAMA NANTARYO BUTEZE AMABO ARIKO BUGAHANURWA NABAMABABUFASHA NTIBWUMVE!KANDAMAGOROFA,YABAMWE MUBARIKUBUTEGETSI AKAGEREKWA 3 CANKE NAKARENGA .UGACAWUMVABABARIRA UWUDANDAZA AMAVOKA NGOTERERA MUTORA!KANDI YIWE ARA YABUNDABNDANA AHUNGA ABAPORISI.HA !MANA WAVUZE KO UZODUTABARA TUGEZEKUNKOMBEYURU,INGOMANA UDUTABARE.

  • Ndiko mbona abarundi bamwe bamwe duciye ubwenge kabisa.Ehe raba ngo:
    1.Imfashanyo ntazo dukeneye nibashake batware.UWUVUGA UKO USANGA AGIFISE AHO ASAHURA CANKE AGIFISE MAHITIRA YANYONYEJE. Nta muntu n’umwe ashobora kwibako aha iwacu kiretse abarira kubandi muga nabone bizohera.IZO MFASHANYO HARIHO ABARUNDI BENSHI N’IMIRYANGO MYINSHI ZISHIKIRA.UKO BIRI KWOSE ZITAVUYE MU BUBILIGI abatwara nibaza bafise ahandi bazozikura nko muri Chine!!Russie!!!Iran!!!Arabie Saoudite!!Soudan!!!.....ivyo navyo bovyiyumvirako neza.

    2.Ibi vyose bitewe na 3eme mandat y’umuntu nabo basangiye ico ciyumviro.Ntabwo ari ikibazo ca CNDDFDD namba.Gushika n’ubu sindabona inyungu za politique canke z’ubutunzi abarundi muri rusangi bazoronka bigumye uko biri

    3.Amatora: Harya ntibitangaje ko birinda bishika ino hose kuko abarundi ntituvugana ukuri.Abantu baraja ngaho bagashira inyungu zabo imbere arico gitumye tugera aha. Iciza ni uko abantu bamaze kumenya ububeshi nuburyarya bwa bamwe bamwe.ICO TWITA KUJA GUTORA KIRASHOBORA KUZOBA muga ntazoba ari amatora ashira imbere intwaro rusangi-DEMOCRATIE PARTICIPATIVE. Tuzoguma uko nyene muri zuguru zuguru muga abapanze inyungu bobo bazokwamura ivyamwa

    4.Akazi:ubw murazi ubuzi buriko buragenda ingene bungana??!!Nn nka Bujumbura abantu bishitse ntibaronk ubuzi ko mbon politik bose itobakwira bizogenda gute??!!Si hahandi nuwuyafise atazoyarya

    5.Nitureke kwitana aba canke bariya kuko ndazi neza ntihenzeko ingaruka zaba nziza zaba mbi abarundi benshi bazozisangira. Imana nayo n’iy’Abarundi bose ntihagire uwutigirako uburyarya ngo ahave amera nk’umwe avugango’’Mana mfasha nibe simfatwe’’ canke ngo ’’wakoze mana ko wampaye iyi poste muga nabanj kurementaniriza uwayihoramwo’’.

  • none ko muvuga ko amtora yokwiigizwa inyuma tuzoge nyari nimuturekedutnorewotwifuza kobafiseubwoba

  • Ububiriginiwe Dusigaye Duhanzamaso Kuko Pita Nkurunziza Yanse Guheba Mandaya3 Turasavye Nibindi Bihugu Bifate Izindingingo Zotuma Areka Gutigihugu Mumanga .Ariko Birabonekaneza Koyashizimbere Inyunguziwe Kurusha Izigihugu

  • abazi ko kubanarugufasha
    nya mukwubahana.nikinya
    bufura mukomere kuburun
    di, ariko nanone mutishize,
    hejuru, kuko hejuru ya PE
    REZIDA WUBURUNDI HARI
    KRISTO YESU WE,NYIRUBU
    BASHA, KU IZINA UMUNT
    U, NI BINDI BYOSE BIBAHO
    NDETSE NOKUBYO MWIJUR
    U, jewe ndumvako abashi
    nzwe ibyibwirizwa shingi
    ro namategeko yibya,mat
    ora muburundi baramwem
    ereye ko yakwitoza muba
    ndi, j,ndashinja abatavuga
    rumwe nawe,icyabere na
    gasuzuguro kubucamanza,
    icya ka2 nagasuzuguro.ku
    kubuyobozi,icyagatatu,nu
    jiji buri mumitima nomumi
    twe yabo, benomumatwi,
    yabo,iyo nindwara barwae
    ubwo bujiji bwabo nibwo
    bwatumye bayoba inzira
    bituma bakoramahano bib
    aza ngo boterimpuwhe Se
    Wabo, mwabanamwe?kuki
    mutubase umeze nka sow
    anyu?ndavuga abanye poli
    tike,ni mwemwatumye aba
    tewubwoba namwe bahung
    a igihugu kubwo gukina po
    litike nabi kwanyu nanubu
    mugikomeje bamwebamwe,
    abandi bagapfa kubwukuy
    oba kwanyu abandi bakan
    ka guhunguka kubera mwe,
    iyomumenya mukangisha.
    inama narikubabwira nti,
    mwitinya guhangana nawe
    muritwe abaturage mutore
    1murimw

  • sha nahora nibazako ab cndd fdd bafise abashingantahe bijunja ninjambo none ntabo ahantu babuze umu candidat wapi nibareke gukomantaza imitima

  • AMAJAMBO YANYU NINKAYANYONI YANDYOGO UWOMUGABO SUMWANA AJUGUMIZWA NUBUJAMBO BWABANYAMAJAMBO NTAKANGISHWA AMASASU NIYOMBARE W YARAVUYEMWO ARAHUNGA NON KWATINYA IMANA NTATINYE ABANTU ENDA TUMUREK NA AMERCA YAHVYE .

  • babwire.izontunva.weho.ngira.bokwumvira.

  • bagabo mukomere cyane,
    kubwamasomo mugaragari
    za abibagirwako murabant
    u,batocyane k1 nabandi bo
    se, impanuro mpereye ibu
    rundi iwacu muburyo bwu
    mubiri, ibiryo uhawe biha
    za,akanya gato,rero shira
    ho ikigega ubikemo ibihora
    ho iwawe uzaze wiha mub
    yawe tu, namwe banyaga
    suzuguro namwe banyama
    gambo nindero nke nubuji
    ji bwishi nimwisubireho,
    namwe bakunzibinda muta
    zi gusaba munzira nziza
    ari namwe bicanyi mwibe
    sha ngo nipolitike murigu
    kina muzisang shetani yar
    abahunyitse iwe kubwo gu
    kunda inda nubu jiji,izomf
    ashanyo je ntanizonzi ari
    ko abazizi mwumve irijam
    bo,kirazira kwubika inda
    kucyuhawe numuntu ahub
    wo uze wubike inda kucyo
    YESU YAGUHAYE nubugifi
    te,ukabatacyufite nukimu
    sabe,icya1 nubwenge icy2
    nukuri nokumumenya,ibyo
    nubibura uzaba upfuyd nu
    bihabwa uzabaho pe,

  • Amatwi y’impene yumva yokeje kandi agasozi k’intahanugwa kahiye abagabo babona

  • Mbega leta aho ntiyokwikubita agashi igashira mungiro ivyo isabwa n amakungu hako iheba imiliyoni z abarundi ngo bicwe na kigoyi?mbega ubwo butwari leta yirata n ukudahanugwa n ukudakunda abayishizeho?birateye umubabaro.

  • Mbese Abarundi murohumuka ryari ngo mubone kure!!! Ababiligi atari amacakubiri yabo ari hagati ya Wallons na Flamands bazanye mu Burundi no mu Rwanda, ikindi ciza babazira n’iki?
    Ababiligi bataraza m’Uburundi, Abarundi bari bibaniye mumutekana n’amahoro ntangere. Ababiligi muri gahunda yabo yokuryanisha ,Abarundi, diviser pour régner nibo bazanye ivyamoko y’abahutu n’abatutsi. Kuko mu Burundi no mu Rwanda umuhutu canke umutitsi atari ubwoko ahubwo ari classe sociale umuntu aba arimwo bivuye kuvyo atunze. " Umuhutu" atunze inka nyinshi yaragabira" Umututsi" w’umworo( akenye) gurtyo uwo muhutu akita uwo mututsi yagabiye : umuhutu wanje. Et vice versa. Umuntu az’ubwenge kandi yitunze ntiyarakwiye kwemera kwitwa umuhutu kuko arizina ry’agasuzuguro( agakengere). Ababiligi babaha ico bita "aides", bagaca babarungikira abantu babo bita ngo ni "experts", les faux experts, akaba aribo bahembwa igice kinini cizo "aides", maze y’amahera yose ikisubirira iwabo muri Belgique!!! Haca igihe gito bakamanuka mukabavugiriza ingoma
    baje kugira ico bo bita " Evaluatio"( control), kandi ubwabo bazi neza ka ayo mafaranga hafi yose yasubiye iwabo!!!! Président Paul Kagame n’umugabo w’ijunja, kuko irya fonds yatanguje yitwa AGACIRO, yarikwiye gushirwaho mu bindi bihugu vy’Afrika nk’Uburundi. Uburundi bufise nickel, or, coltan, petrol( mu gace ka Gatumba),..,, ariko bupfuye busegerereza Ububiligi ataco bufise!!!!!’ Abarundi reke kuryana mupfa ubuhutu n’ubututsi, kuko amacakubiri ari ishano ribasamaza, rikababuza iterambere. Kugira mushikire iterambere rirama kora ibikurikira:
    1) Tsimbataza amaho n’umutekano 2) Tumako Abarundi bari mu za Buraya baze gushinga za projects mu Burundi, abatabishoboye mubahe akazi bashire mungiro ivyo bize kandi bateko bavyigishe benewabo basigaye mu Burundi. 3) Rungika Abarundi kwiga i Buraya( Occident) canke muri Aziya, gutyo barangije amashure bagaruke mu Burundi. Kuko iyo mbajije Abanyafrika bari Iburayo ko bosubira muri Afrika, hafi bose barabishaka ariko bagaterwa amakenga n’umutekano wabo, kuko benshi bavuga bati: Nohimbarwa no gukorera $400 mu kwezi ho gukorera $ 1200 ndi Europe canke Amérique. Kuko ntimwumve ngo ubutunzi bwo mu mugabane wo muri Aziya uzamuka ningoga, ibanga niboneye nuko Abanya Aziya ari benshi biga muri U.S.A. na Europe.

  • yooo! mbega tugiyekubabande nudufaranga twofashije bansekuzodutanga. ha nayamatoravugwa jesimbonakwazoba

  • Ivyiyumviro vyanje mwanse kubishikiriza!!! Sinzi ico mwampoye!!!!

  • Iyo Ngingo Niyo Ntagushigikira Amafuti.Ehe Naw Igihugu Kitacitayeho Abanyagihugu Baco,abanyeshure(primaire,secondaire Na Université)...

  • Iyo Ngingo Niyo Ntagushigikira Amafuti.Ehe Naw Igihugu Kitacitayeho Abanyagihugu Baco,abanyeshure(primaire,secondaire Na Université)...

  • None ko twes turabarundi nidufatane munda mukugaruza igihugu cacu mumahoro murazi ko dukenye gose tutoshobora gutanga amakori yoba asabwa kuri burimunyagihugu

  • ivyo nivyo kweli.erega ayo mahera yatwarwa na ndayicariy hamwe Na ntahorwamiye bakorana naba dd.ntagushigikira ibisuma.

  • IVYO NAJE NDABISHIMA NTAFASHANYO ATAMUTEKANO KURI BOSE KUKO BAMWE BARAPFA ABANDI BAGAKOMEREKA BAHORWA UBUSA AHO SIMVUZE ABATA IZABO NABABO BAGAHUNGA KUBERA UMUTEKANO WABO UDACUNGEWE.KOME GUSENGA BARUNDI!!!!!

  • Mureke Abavyeyi Sububirigi Gusa Erega Ninishavu Badufitiye Harico Bashaka Gusa Bibuke Ko Twabomoye Muburundi Bwacu Ninayo Mpamvu Nintovyi Zose Zitoba Zihungira Mububirigi

  • emma
    abobagabo nibabe bareka kutwanikirira amenyo nibamenyeko tutagitwagwa kibirigi twarikukiye, nibatware ivyobaduha barabeko tutabaho, uburundi subwamahanga uburundi nu bwimana.

  • bashaka batware abo bagesera baduteye imigera yamacakubiri no kutugira abanebwe batugira Abaja babo twama tubateze amaboko...umuntu agufasha kubera abikunze kandi agufasha uhiriwe canke ugowe,rero bahagaritse nyamahera baduha nuko baba bahora bayaha nya Peter batayaha u Burundi...ababiligi murihenda kuko namwe nimba atacomuturonderako ntimwoguma mutwinginga mugume mudufasha.abokudufasha bazizana kandi bidatevye ntitigikeneye kuba #abaja banyu

  • nkurunziza ntacyo bimubwiye . hababaje abanyagihugu .ayo afise murugo iwe nta nzara ihali . naho abandi ntacyo bamubwiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.