Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwagirijwe gutanga amahera n’ibikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ububirigi bwagirijwe gutanga amahera n’ibikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu (...)

Ububirigi bwagirijwe gutanga amahera n’ibikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu Burundi

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Umugambwe CNDD FDD usanga hari ukuvuguruzanya hagati y’umushikiranganji w’Imigenderanire w’Ububirigi n’Amakungu Didier Reynders n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, aho umwe yasavye Ababirigi bose bari Mu Burundi ko bosubire iwabo, ariko uwuserukira Ububirigi mu Burundi arabihakana. Muri CNDD FDD bagiriza Ububirigi ko aribwo butanga amahera n’ibirwanisho bikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu Burundi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ububirigi n’Amakungu yasavye Ababirigi bose bari mu Burundi, ko bovaho, inyuma y’indwi imwe gusa ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi buvuga ko igihugu c’Ububirigi kitigeze gihamagarira Ababirigi kuva mu Burundi. Mu mugambwe CNDD FDD babona ko inzego z’Ububirigi zitabona kumwe ikibazo, bagatangazwa n’ukwumva ko Ububirigi bwavuze ko bufise intumbero itomoye ku bijanye n’ibiganiro hamwe n’inyishu zogarura amahoro mu Burundi. Umugambwe CNDD-FDD ukibaza izo ntumbero Ububirigi butanga ku biganiro vyo mu Burundi nk’uko umengo ni bo bazovuga uko bizogenda, kandi Ububirigi aribwo kubwa CNDD FDD, ngorane nyamukuru zituma Uburundi buburagizwa mu ntwaro rusangi.

JPEG - 8.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Mw’itangazo nomero 043 ryo kuri uwu wa 24 Munyonyo, muri CNDD FDD babaza bati : « Mbega uwagirizwa ivyaha niwe yahinditutse isoko ry’ukuri akaba ariwe yerekana n’intumbero yo kumucira urubanza » ?
Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko Ububirigi budashobora gusigura ingene Umushikiranganji wabwo ajejwe Imigenderanire n’Amakungu, Didier Reynders, yaraye asavye ko Ababirigi bava mu Burundi, bukeye, abakora ibikorwa vy’iterabwoba baciye batera amabombe mu micungararo ya Radiyo na Tereviziyo vy’Igihugu hamwe n’aho ishirahamwe Regideso rishingura amazi imbere yo kuyakwiragiza mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe ayo mabombe yahitanye ubuzima bw’abantu, Ububirigi bwagirizwa ko ataco bwavuze, mu gihe iyo ubwo bwicanyi bwari kubera ku butaka bw’Uburayi na cane cane mu Bubirigi, ko ata nkeka Amakungu yose yari kuvyiyamiriza, nk’uko biriko biraba mu Bufaransa.

Insiguro y’ivyo bibazo vyose

Umugambwe CNDD FDD usigura ko iyo nyifata y’Ububirigi iterwa n’uko ico gihugu arico gitanga amahera n’ibirwanisho bikoreshwa mw’iterabwoba ribera mu Burundi, abagenzi b’Ububirigi nabo bagashira agati mu ryinyo, bakinumira. Umugambwe CNDD FDD uti : « Barerekanye akabi kari mu mitima yabo n’uwutari abazi yarabamenye. Barahinyutse.»


IGIHE

Messages

  • ababiri baraciye ubwenge. barazi ko imigenderanire iba hagati y, igihugu n, ikindi. kandi ko atamugambwe wotera ubwoba ububirigi ngo n, uko urimwo abasazi.

  • Bavuye kuRwanda none basimbiye kububirigi.Mbe ko batavuga USA baranduranya babuze uwo bafata n uwo bareka Nzobandora ni umwana w umurundÅ“

  • Murabe neza havyarimana na ntadyamira bishwe na bergique nibo bari bacunze aéroport yi konombe bavuga ngo baje kurinda umutekano ivyabaye ntawutabizi Burundi ntimugwe mu mutego wizo njavyi za ba Birigi

  • ABAYOBOZI BI BURUNDI IBIBAZO BABACANZE KABISA. UBU ICYO BALI GUKORA NUGUSAHURA AMAHERA GUSA KUKO BAMAZE KUBONA KO KUYOBORA IGIHUGU KILIMO IBIBAZO INTAMBARA.. UBUKENE ..INZARA..AMAHANGA YABAREKUYE..UBWUMVIKANE BUCYE MUGISILIKARE …NIGIPOLOSI..IMPUNZI ZAHEZE HANZE…IMBONERAKURE ZIDAHEBWA …INTERAHAMWE ZAMAZE KWINJIRA… KUGIRA PRESIDENT UDASHOBORA GUSOHOKA,. ..AHAAA NGAHO MBWIRA ICYO GIHUGU WACYIYOBORA GUTE .

  • Ariko igihugu citera imbere gîte gifise umutware nkuyo,karaciye ingani ugume ugume uvuga ibisunitswe n’umuyaga gusa ntunashiremwo n’ubwenge.uramaramaje bisigura yuko n’uyo mugambwe uvugira urimwo abameze nkawe!koresha ubwenge mumajambo bizogufasha.

  • Mbega haritera bwoba riruta ivyo binogo wimbishije muguma muja abantu muhambamwo iterabwoba rikogwa nimbonera kunya nicogipolisi cigipilate

  • Ahubwo nuko nyene atawogushavurira kuko birazwi ko wigwariye mumutwe Mbega wewe na mbona tiges ninde asigaye a vu gira leta yuburundi ?basha uragwaye peeee

  • barundi murababaje mwatanguye muvuga u Rwanda mubona isi yose iracecetse none musimbiye kuri belgique none muzokurikizaho nze?

  • Mbega wibaza yuko ububirigi ari umwana wawe canke umugore wawe canke umuboyi wawe emwe urateye isoni nikigongwe kuko iguma ukuga atawukwishura

  • At Ntwali, ndashaka kukubwirako ububiligi amatiyo twaramazi mugisagara habaho iconokwita uruhanahane rwamatiyo atadukanye habamwo Habamwo itiyo Nkuru ivana amazi mububiko bukuru hakabahonizindi zigendazisumbasumbana kugeza kurikaryagatiya kanyuma tuvomako amazi. Twebwerero icotwamenye kanditukagishira nahabona nukoyaba kuvakubihugu vyakure yu Burundi kugera kubihugu vyibibanyi vyu Burundi tugenda twerekana uruhanahane rwamabi bakorera uburundi nabarundi urwo Rwanda wavuzerero rwariyemeje gutanga ubufasha kuruwowese ashaka gukorera uburundi nabarundi ibibi iyobiva bikagera. Nimburumurundi ushaka kwitegurira mu Rwanda kugira uzojekubangamira uburundi uhawe ikaze mu Rwanda nimba urigihugucakure ukabushaka gucisha ibirwanisho murwanda vyoguhabwa abazakwica abarundi uhabwa ikaze murwanda nguwo uusada wigihugu kibanyi kirikokiradanga kugira abarwanya leta yuburundi bashikane kwiterambere abarundiryihuse.

  • Ububirigi ntawutaziko bukeneye teroliste iza guhonya abarundi rindira goto baraye bafashwe bazovuga uwabatumye kuko ntibihaye mision hanyuma tuzobakorerako Pita nkurunziza tsinda iterabwoba uraczrumukuru wacu kugeza yesu agarutse imana yomwijuru ugenga izobigufasha abo ba teroriste tuzoguma tubashirako intoke niwirambire sebarundi.

  • Ububirigi Oyeeeeeeeeeeeeeeee, Luis Michel Oyeeeeeeeeeeeeeeee, Didier Reynders Oyeeeeeeeeeeeeeee

  • Batama bacu reka kuregeza izonkora barazababirigi zitumariye abacu nibimoko badukubise,

  • Ububirigi Bwo Babureke!Sibwo Buteye Ingorane,harico Busaba Uburundi?Ingorane Ni Rwabo,ni Baje Mt Biganiro.

  • umuti w uburundi nibinganiro gusa nabobotse mufamanda muyage muhuza muduha amahoro ivyomu mazekonona birahagije mubikizobukita zanyu zihiganwe gukata inyama nini

  • Teshwa mute ubu inzego zumutekano ziracanze ntimuzoronka ahomubaca ibintu ni ndanje kuko iryinyo kurindi ijisho kurindi ubu igihugu tuzogiha uwo twitoreye irambire petero wacu 100/100 miya kwa miya 100% 100%

  • ndabaramukij kubisazwe ICO nosaba abadd nuko ico gihugu batagifash kunguvu bagifash biciy mu biganiro kuko iyo bataca mubiganiro nubu boba bari mu kibira none ico nobasaba nuko bosubira kwiga bagaca ubwenge bakamenya gusoneranira kuko simbona akazoza kigihugu hagitwara abantu bakuriy mwishamba subiy gukeza ababirigi babandany kudufash komora burundu ivyo bisuma ok

  • Reka kuremeka ibara ABABIRIGI sibo babatumye ngo mwisamburireko nkimpene,vyatumwe nukudahanga kwanyu! nihamwe iyumugabo bimunaniye kubaka urungo rwiwe bivanye ningeso ziwe mbi, aribagira kwariwe mubi agatangura guti birake kubabanyi biwe ngonibo bamusambuje. namwe niko muri mwananiwe kubana nabomuvukana kubwubukunzi bwinda zanyu,nokuba bantagodwa mazosi.ndibuka mwahanuwe nibihugu vyishi,Nububirigi bwarimwo mubabahanura ngo mwubahirize amategeko yi Arusha hamwe na yu Burundi mwarashe hejuru. none reka kwiteranya kubabanyi ngo witeranya kumubanyi bwaca ukaja kumusenga,nanaburya igihugu cacu ataho cishikanye camagiteze amashi.burya umugabo nuwitahura kwarimubi bituma yi kebuka.....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.