Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwasezerewe muri EURO 2016 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ububirigi bwasezerewe muri EURO 2016

Ububirigi bwasezerewe muri EURO 2016

samedi 2 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi nserukiragihugu wa Pays de Galles watsinze Ububirigi ibitsindo 3 kuri kimwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma c’inkino za Euro 2016.

Pays de Galles izoca ihura na Portugal mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Ububirigi nibwo bwatanguye gutsinda hakiri kare ku munota wa 13 w’igice ca mbere c’urukino, ku gitsindo cinjijwe na Radja Nainggolan.

Uwo murwi wa Pays de Galles wahavuye ugombora ico gitsindo ku munota wa 31, ica kabiri ku munota wa 55, hamwe n’ica gatatu ku munota wa 86.

Pays de Galles izohura na Portugal mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma ruzobera mu gisagara ca Lyon mu Bufaransa, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Mukakaro 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.