Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwiteguriye gufasha mu gukingira Abanyagihugu b’Abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi bwiteguriye gufasha mu gukingira Abanyagihugu b’Abarundi

Ububirigi bwiteguriye gufasha mu gukingira Abanyagihugu b’Abarundi

vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritorungika inteko mvamakungu mu Burundi gukingira abanyagihugu, igihugu c’Ububirigi kimenyesha ko kizobandanya gushigikira ico ciyumviro, babicishije muri ONU canke ku kindi gihugu, ariko Ububirigi bukavuga bushigikiye kandi bushira imbere ibiganiro.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, yamenyesheje ko Ububirigi buzobandanya gusaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko ryofata ingingo y’ukurungika inteko mvamakungu, mu gihe Reta y’Uburundi itokwemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo.

JPEG - 555.2 ko
Didier Reynders, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu

Didier Reynders yamenyesheje ko bibaye ngonbwa bazofasha mu Burundi uko bazobisabwa kwose, nk’uko bariko barabikora muri Mali babisabwe n’Ubufaransa, bakaba bazofasha no mu bijanye n’uburyo kugira ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bibandanye.

Reta y’Uburundi yagiriza igihugu c’Ububirigi ko gishigikiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

  • ewe leta mbirigi urateye isoni?Niwigumye n,ubufaransa bwaratsinzwe mu rwanda burigumya

  • ivyo nibitetegwe mwa maramaye mwabuzi vyomuvuga kuko mwagerageje gutembagaza ubutegetsi twishiriyeho muzoze kunguvu tuzobakiriza yompi

  • aya mashetani yababirigi tuzoyagenza gute gayemwe? koma shetani kwajina ra YESU...ababirigi nibo bariko bacanishamwo abarundi nkuko BUYOYA yabacanishijemwo mukugandagura umukuru wigihugu NDADAYE mu 93. toka shetani......

  • Ingorane ziri muburundi zatew na ba birigi rero karimw mwoba mwararemy uburundi murabufute kwisi Imana yiteguy kubahanira urwanko mwatey mubarundi tegura imigamb yanyu Imana izoyisambagura

  • Abo babirigi ivyabo turabizi! Kuva bishe RWAGASORE ntibarahimba amaraso y’ abarundi??

  • Barazoza Tubatere Amacumu Izo Njavyi. Tetegwa Neza Mwa Ntumvamwe

  • Mutama Peter Banyaremukanwa Babure Ayo Bacira Nayo Bamira Maze Bazokwicwe N Inyota Izonjavye. Nibateshwe Bate Na Leonidas N Abo Barikumwe Bagomba Kuza Kugusaba Ikigongwe. Nububirigi Bwemeye Amabi Bumaze Kudukorera Muraburekurire.

  • Mutama Peter Banyaremukanwa Babure Ayo Bacira Nayo Bamira Maze Bazokwicwe N Inyota Izonjavye. Nibateshwe Bate Na Leonidas N Abo Barikumwe Bagomba Kuza Kugusaba Ikigongwe. Nububirigi Bwemeye Amabi Bumaze Kudukorera Muraburekurire.

  • Izombwa z’abirigi nibaje musi Somariya Uburundi Turafise Ingabo Zishoboye.

  • Nubwo ndumukenyezi akuze hajemu Burundi ababiligi nanje sinobura numwe nokwomagura inkoni nkuko babikoreye abarundi bahohambere.

  • Komera mzeee twese turinyuma yawe

  • Ngogukingira Abanyagihugu ?Bande?Babagumutsi Batinya Amatora?Twebwe Abarundi Turakingiwe Nabasoda Bacu Isuma Abagumutsi Nibapfugwe

  • u used ethnic lyrics to perplex us whereas we were quiet , do u see how is thy politic? is it time for regreating and deploring? look out because u will be fustigated by GOD!

  • Ahubwo Nimurabe Mugerageze Mukigire Benegihugu Yahandiho Turahona Nkabana Binyoni ,mudusabire Nzonteko Nzikigire Bene Gihugu Barikobarashira Emwe Reta Yuburundi Yumvise Uwumvugira Benegihugu Bamwita Umwicanyi Ariko Muratuvura

  • Ivyanyu turabizi Habyarimana na Ntaryamira mwabakoroye i Kanombe nivyo mushaka gukora hano iwacu tuzobugururira ko inzuki muribuka 1962 mu Kirundo nizo zadutabaye uwariko araturasa i Busoni

  • Ntibitangaje.inyungu.yanyu.yaratakaye.kukomwahinyutse.twara.iyomwatwaye.iramaze.kuva1962.gushitsa.205.Nabakozi.banyu.mujane.ariko.mwihangane

  • ububirigi nibufashe ariko atari muvyo gusambura ivyubatse kubera ubu dukeneye kwubaka igihugu

  • Uwankayuko Nyumbakumi Amuzira Murugo Areka Kugwana N’umugore Nabana Iwe Ntihavuge Induru Ariko Iyo Hagumye Induru Ategerezwa Kuza Kuraba Igitumye Induru Ivuga Vyanse Guhera Ababanyi Barateba Bagashavura Arumugore Canke Umugabo Hakagira Uwuhanwa Igihe Ariwe Aterinduru

  • ABABIRIGI BARAMENYEREYE UBURUNDI.NIBATESHWE BATE BURYA NABONYENE HARABABABIYEKO,UBUTWARIKUKIY NTIBIBAZE NGO NIYA KARYENDA YACU BASHAKA GUTWARA BIKABATA KUWAMAZI !!! NIRYO SHAVU BAGIFISE(ABABIRIGI).MURABAZANA TUBAMESE TECHNIQUES ZOSE TURAZIZI TUZOBAHINYANYURA.MUTAMA WACU IMANA YARAMUTWEMEREYE NTIMUKORAKO,AHUBWO IMANA IMWÔGERE IYINDI MANDA AKOMEZE ATUGEZE KW’ITERAMBERE.IMANA IKOMEZE IMURINDE.ABO BAGOME NIBABADUHE BATURIHE AMA RADIOS YACU BATURIYE N’IBINDI [ 190000000FBU?]!!!.

  • IBIVAMUBUBIRIGI TURABIMENYEREY UBUTWARAKANUYE NIBATESHWEBATE.

  • UWO MUBIRIGI AGOMBA KUZANA NKIVYABAYE MURWANDA NASHINGE AMATEGEKO IWABO.

  • Mana Dufashe!! Nayo Ababirigi Bo N’ukuduteranya, Bavandimwe Kundane Bamaramare%

  • Abo nabasazi Mbe Imana Ya Bahutu Bagirango Haraho Yagiy Nibahere Iyo Mububirig Iwabo

  • Vyanka Vyakunda Izonteko Nizije Vuba

  • MBEGA UBUBIRIGI AHO BWORAWE ISHINGA NOKWUBAKA UBURUNDI BURAZWA ISHINGA NOKUBUSAMBURA UMUGABO NYAMUGABO ABUZE ICO AFASHISHA UWUNDI ARAMUREKA AKIGWANAKO AHO KUMUT0BANGIRA. NONEHO HUMURA IMANA IRAKUNDA UBURUNDI N’ABARUNDI ...

  • MBEGA UBUBIRI KUVAKERA KOBUGUMA BWIVANGA MUKIBZO C’UBURUNDI BIVAKUKI MBEGA IZONTEKO BASABA KO ZOZA MUBURUNDI ZOZA KUBANGURANYA NDENANDE KO MUBURUNDI ARAMAHORO .

  • MBEGA UBUBIRIGI UBURAYI AMERIKA ONI . KO KUVAKERA KOBATARIGERA BAVUGA KUBISHE GWAGASORE NABISHE PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MBEGA KOTUBEMERA KOBAZI UBWENGE NTAKUNTU BOBA BARAMENYE ABABISHE...?

  • MBDGA ABISHE LUWI GWAGASORE NA PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MUBONA IBIBI BABAGIRIJE MUBONA VYANGANYE GUTE VYATUMYE BABICA ? ABABIRIGI ONI AMERIKA UBURAYI ...KUCOBOFASHA UBURUNDI.

  • MBDGA ABISHE LUWI GWAGASORE NA PEREZIDA NDADAYE MARIKIYORO MUBONA IBIBI BABAGIRIJE MUBONA VYANGANYE GUTE VYATUMYE BABICA ? ABABIRIGI ONI AMERIKA UBURAYI ...KUCOBOFASHA UBURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.