IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi : Imyiyerekano n’inama vyakurikiranye

Ububirigi : Imyiyerekano n’inama vyakurikiranye

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Kuva kuri uwu wa 2 Ndamukiza hari inama idasanzwe ihuza ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya (Union Européenne) na Afrika iriko ibera mu gisagara ca Bruxelles mu Bubiligi.

Iyo nama yitabwe n’abategetsi ba Buraya na Afrika bagera kuri 80, n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza arimwo. Intumbero nyamukuru y’iyo nama, ni ukunagura imigenderanire mu gisata c’ubutunzi n’ubudandaji vy’iyo migabane uko ari ibiri.
« Ata mahoro n’umutekano nta terambere », ni nayo mpamvu Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya bwiyemeje gufashanya n’Ubumwe bw’ibihugu vya Afrika, mu ntumbero yo kugarukana umutekano muri Afrika, na cane cane mu gihugu ca Centrafrique. Ico gihugu ubu kikaba kirangwamwo umutekano muke n’ubwicanyi.

Abakuru b’ibihugu bimwe bimwe nka Afrika y’epfo, Zimbabwe na Sudani ntibitavye ibikorwa vy’iryo koraniro. Abo bakuru b’igihugu nabo akaba ari Jacob Zuma, Robert Mugabe na Omar El-Bechir. Twobamenyesha ko Sudani yatumiwe, ariko Omar El-Bechir akaba atatumiwe, kuko hari ivyaha yagirizwa na Sentare mpanavyaha y’i La Haye.

Twobibutsa ko kuwa 1 Ndamukiza 2014, abarundi baba mu Bubiligi bagize imyiyerekano imbere y’icicaro c’Ubumwe bw’ibihugu vya buraya i Bruxelles, akaba ari naho hariko habera iyo nama. Bakaba bari bashaka kwereka amakungu ko badashigikiye ko umukuru w’igihugu asubira kwitoza mu kiringo ca gatatu, kandi ko barajwe inshinga n’ibiriko bibera mu gihugu cabo c’amavukiro. Iyo myiyerekano yabaye inyuma y’iyabereye muri Canada no muri Reta zunze ubumwe za Amerika.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • Basha. Petero nkurunzi nimba adashaka ingorane muburundi ntiyitoze ubugira3 kuko itwara ryiwe riraruhije abarundi ntagishoboye noguha nabo bishangiyumugambwe basha. Hamwe yosubira gutwara basha nivyahuhavyoca bihuhuka turindire ntavyiwe mbona!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.