Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi : Umugambwe MSD watanze ubutumire bw’ibirori vy’uguhimbaza imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ububirigi : Umugambwe MSD watanze ubutumire bw’ibirori vy’uguhimbaza imyaka (...)

Ububirigi : Umugambwe MSD watanze ubutumire bw’ibirori vy’uguhimbaza imyaka itanu umaze

lundi 14 Mukakaro 2014

Mu gihe umugambwe MSD uriko witegurira guhimbaza isabukuru y’imyaka itanu umaze wemerewe gukora ku mugaragaro, ubuserukizi bw’uwo mugambwe mu Bubirigi bwatumiye abanywanyi ba MSD n’abandi bose bavyipfuza, mu birori vy’ukwiginana n’ugukurikira ijambo Alexis Sinduhije azoshikiriza mu kibanza ca PARK NOORD i Anvers.

Abanywanyi b’umugambwe MSD mu Bubirigi hamwe n’abo mu bihugu vya Buraya, biteguriye guhimbaza imyaka itanu umugambwe MSD umaze ukorera ku mugaragaro. Ibirori bizoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2014, i Anvers mu kibanza c’ahitwa PARK NOORD, 2060, hakazoba ari kw’isaha umunani (14heures).

Mu butumire bwasohotse kuri uwu wa mbere, umugambwe MSD uhamagarira abanywanyi bawo, aba ADC Ikibiri n’abandi bose bavyipfuza kuzokwishikira mu Bubirigi muri ico kibanza ca PARK NOORD, 2060, mu birori bizotanguzwa n’urugendo (manifestation), bisozerwe n’ijambo rizoshikirizwa na Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD. Abafise ivyo babaza, basabwe guhamagara abantu bakurikira kuri izi nimero :

Aimé-Napoléon BUCUMI : +32 476 78 65 78

François NSABIMANA : +32 486 95 51 01

Tubibutse ko n’ibihano uwo mugambwe wari wafatiwe vy’ukumara amezi ane udakora vyaheranye n’uwu munsi wa mbere igenekerezo rya 14 Mukakaro 2014. Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 15 Mukakaro 2014, uwo mugambwe MSD urarekuriwe gukorera ku mugaragaro ibikorwa vyawo vya poritike.

Muri iryo tangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, barashimira indongozi z’umugambwe MSD ku bwitonzi zerekanye mu kwubahiriza ingingo umugambwe MSD wari wafatiwe, bakaboneraho n’akaryo ko guhamagarira abajejwe intwaro mu gihugu cose kuzokworohereza ibikorwa vy’uwo mugambwe kuva kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2014.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Sinduhije,pfa kwimara agahinda naho ivyo kwitoza ubireke,none uzitoza uri hanze yi igihugu konziko uhirahiye ugahonyoza ukuguru kwi isi yu Burundi worara mumpimba naho nyene nikigongwe woba ugiriwe nahubundi worara mwivu.mbega aba dd na fdd yabo ntuyizi!buradya avyiyo naho ivyino sigwawe murino myaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.