Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubucuti buri hagati ya Habyarimana na Salma Kikwete bwabeshujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubucuti buri hagati ya Habyarimana na Salma Kikwete bwabeshujwe

Ubucuti buri hagati ya Habyarimana na Salma Kikwete bwabeshujwe

mercredi 21 Myandagaro 2013

Ivyari bimaze iminsi bivurwa ko uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Urwanda Juvenal Habyarimana, ko yoba afitaniye ubucuti n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, vyabeshujwe.

Assah Mwambene asanzwe ari umuvugizi wa Leta ya Tanzaniya ndetse akaba ari nawe arongoye ikinyamakuru Maelezo, yabeshuje yivuye inyuma urwo rukurukuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Myandagaro, ko amakuru yaciye ku buhinga ngurukanabumenyi butandukanye atariyo. Ayo amakuru yavuga ko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Kikwete ari muramu wa Juvenal Habyarimana, yahoze ari umukuru w’igihugu c’Urwanda atariyo namba.

Mwambene avuga ko amakuru nk’ayo y’ibinyoma atakindi aba agamije atari ukwambika iceyi umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ku mvo zitandukanye z’abantu. Arongera akamenyesha ko amakuru yavuga ko umutambukanyi wa Kikwete Salma Kikwete ari mushikabo w’umuhisi Habyarimana, ari ikinyoma cambaye ubusa kuko ivyo bisa n’ ivyoba bishaka kwitirirwa ko Kikwete yoba afasha abanyarwanda bari mu murwi w’abarwanyi baba FDLR.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.