Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Abantu bitwaje inkoho biraye mu bantu bari mu kaguriro (...)
Ubudagi : Abantu bitwaje inkoho biraye mu bantu bari mu kaguriro barabarasa
samedi 23 Mukakaro 2016, par
Abantu umunani bapfuye abandi benshi barakomereka mu gitero cakozwe mu kaguriro kari mu gisagara ca Munich mu gihugu c’Ubudagi.
Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi avuga ko ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu ariho abagabo bitwaje inkoho binjira mu kaguriro ka Oliympia gaherereye mu maja epfo y’igisagara ca Munich. Abo bantu bagenda barasa uwo babonye wese.
Umuvugizi w’igiporisi mu gisagara ca Munich yabwiye Reuters ko hashobora kuba hari abantu benshi bapfuye n’abakomeretse, ariko hamaze kumenyekana umunani gusa bapfuye.
Ntiharamenyekana uwoba ari inyuma y’ico gitero kibaye inyuma y’aho kuwa mbere umwimukira ateye abantu batanu bari muri gari ya moshi, ivyakozwe na Islamic State. Abanyagihugu b’i Munich basabwe kwirinda kuja mu mabarabara hamwe no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, n’ingendo zimwe zimwe zikaba zahagaritswe.
IGIHE
Messages
23 Mukakaro 2016, 11:15, par miruho
ok iyaba hari iburundi am a kungu abari gucicikana ngo hakenewe ingabo zijakugaru kana amahoro ngwabantu barahonye kudya bakundabarundi;
23 Mukakaro 2016, 12:59, par Kenedy
Haaaa!No Mubudagi Vyatanguye? Isi Yose Irakeneye Gukizwa Nayezu
23 Mukakaro 2016, 13:30, par Saïdi Anicet
Abo Bantu Bakwiye Kuronderwa Bahanywe.
23 Mukakaro 2016, 13:35, par kazekurya
nibafashe naho bongre bagungikeyo abasoda ba maprob u hamwe nabo Mu Rwanda biyeneza ko bakomeye baje gufasha kugarukana umutekano.apana iburundi turabagabo yurahabona
23 Mukakaro 2016, 16:40, par tari
None twovugako nahonaho arukubera abajejwe umutekano bananiwe gucungera umutekano wabanyagihugu ngwamakungu arungikeyo abasirikare mpuza amakungu?
23 Mukakaro 2016, 17:57, par bacemwo
BISHINGA KUDURUMBANYA AFRIKA BIBAZANGO BARIMWIJURU AHAA!!!!!!!!
24 Mukakaro 2016, 10:59, par CAKIRA
yooo!murasubire kudusarirako ntimwogiranira ibiaganiro?na islamic sted ?eeh!mwahangaye Uburundi mubona muragowe nabado!
24 Mukakaro 2016, 17:17, par kegis2015@gmail.com
Ahaaa