Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi busaba Amerika insiguro
Ubudagi busaba Amerika insiguro
jeudi 24 Gitugutu 2013
Leta y’Ubudagi yahamagaye uwuserukira Amerika muri ico gihugu kugira atange insiguro ku makuru avuga ko telefone y’umukuru wa leta y’ Ubudagi Angela Merkel yumvirijwe n’inzego z’iperereza z’Amerika.
Angela Merkel yasavye insiguro kuri ayo makuru. Yaranabiganiriyeko na Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika ku wa gatatu. Ibiro vy’umukuru w’ igihugu c’Amerika vyatangaje ko umukuru w’igihugu Obama yabwiye Angela Merkel ko Amerika itumviriza telefone yiwe kandi ko itazigera inabikora. Ariko ntivyumvikanye neza niba mu gihe cashize telefone yiwe itigeze yumvirizwa. Ku musi iwa mbere w’ino ndwi, Ubufaransa bwarahamagaje uwuserukira Amerika muri ico gihugu kugira atange insiguro ku makuru yasohotse mu kinyamakuru Le Monde avuga ko inzego z’iperereza z’Amerika zafashe ibiganiro kuri telefone biharurwa mu miliyoni mu gihugu c’Ubufaransa.
Bukeye bwaho, Ikinyamakuru Le Monde carasohoye izindi nzandiko zivuga ko abanyamerika bareretse abaserukira Ubufaransa i Washington no mw’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Karire F
Messages
24 Gitugutu 2013, 13:25, par bam
abadage bashaka iki?
25 Gitugutu 2013, 10:48, par mvef
Abadagi basusabire ninsinguro .yigandagurwa rya ndandaye? habyarimana? abihayimana.twebw byaragoranye. kandi ugizeza kubawabamenye nukubigira amayeri
25 Gitugutu 2013, 10:59, par simbii
huyu musenyeli niwe wanyambitse impeta yumukunzi wange. Imana imwakiliye yagiye tukimukunda
27 Gitugutu 2013, 05:07, par buvumo
@yo uranyibukije nange huyu Musenyeli niwe washyingiye kumya27. none ntakibukwa agahinda.imana imwakile mube
27 Myandagaro 2014, 21:04
Nihatari kwelii