Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubudagi bwateye umukono kumasezerano yo gufashanya na EAC mu bijanye (...)
Ubudagi bwateye umukono kumasezerano yo gufashanya na EAC mu bijanye n’amagara y’abantu
jeudi 24 Nyakanga 2015
Reta y’Ubudagi yashize umukono ku masezerano yo gufasha y’amafaranga imiliyoni 30 z’amafaranga y’abanyaburaya azokoreshwa n’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu guteza imbere amagara y’abantu.
Ico gikorwa cabereye mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ku kicaro c’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2015. Ayo mafaranga azokoreshwa mu gukingira abana indwara z’ibiza.
Muri ayo,imiliyoni 20 azokoreshwa mu kugura incanco. Ayandi imiliyoni 10 z’amafaranga y’abanyaburaya asigaye akazokoreshwa mu gushiraho ikigo c’akarorero kigenzura ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Uwu mugambi uzoshirwa mu ngiro babifashijwemwo n’ishirahamwe GAVI Alliance ritanga incanco mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.
Amb. Dr. Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko yavuze ko ashimye iyo mfashanyo bahawe na Reta y’Ubudagi,kuko yerekana ko Ubudagi ari incuti nyakuri y’abanyagihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Reta y’Ubudagi ifise umugambi wo gufasha abana bashika imiliyoni 300 kuronka incanco zitandukanye kw’isi yose harimwo n’abo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
IGIHE
Messages
24 Nyakanga 2015, 18:19, par Avec
Mbe Sezibera yobayibutse kubabwirako abanabu Burundi batarimwo canke akabibutsa?