Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi bwemeye gufasha kurwanya Islamic State
Ubudagi bwemeye gufasha kurwanya Islamic State
samedi 5 Kigarama 2015, par
Igihugu c’Ubudagi cemeye gutanga imfashanyo y’abasirikare n’ibikoresho vy’intambara, mu ntumbero y’ukwifadikanya n’ayandi makungu mu kurwanya ibikorwa vy’umurwi w’iterabwoba wa IS (Islamic State) wo muri Syria. Indege n’ubwato vy’intambara hamwe n’abasirikare bagera ku 1200 niyo mfashanyo y’Ubudagi.
Iyo ngingo y’Ubudagi y’ugufasha kurwanya Islamic State yemejwe n’abashingamateka bose, ariko bikaba bitegekanijwe ko indege z’intambara z’Ubudagi zitazokwinjira mu mirwi irimwo igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Ubufaransa, Ubwongereza hamwe n’Uburusiya.
Ubudagi bumenyesha ko butanze iyo mfashanyo ku nyishu y’Ubufaransa bwaheruka gusaba amakungu ko yogira ico akoze mu gufasha, inyuma y’igitero cahitanye abantu 130 mu gisagara ca Paris mu kwezi guheze.
IGIHE
Messages
5 Kigarama 2015, 14:26, par Kijisho Emm
None Bic’abantu Baronderiki Babaziziki Nimba Harivyobasaba Barenganijwe Nibitware Canke Basabe Ibiganiro Bareke Kwic’abantu Ataco Bazira
5 Kigarama 2015, 14:31, par macungu
ubwo ntabwo bazahava bihorera kubeni gihugu batabasubiza?
7 Kigarama 2015, 02:56, par muhonyore
None ko nahandi basemerera ngo ibiganiro ahandi naho bakiruka gufata ibihano abobo bigenda gute?canke nuko atari abanya Africa .
7 Kigarama 2015, 19:14, par Robbert
None,abobantu Babicira Iki Kandi Imana Yavuzeyuko, Atakwihora Mugenzawe ?Ntiwunva Yuko Imana Izoduhanira Ukuri!!!