Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Umuntu yitwaje ishoka yatemaguye abantu
Ubudagi : Umuntu yitwaje ishoka yatemaguye abantu
mardi 19 Mukakaro 2016, par
Ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubudagi vyatangaje ko hari abantu batari bake bakomeretse muri gariyamoshi, bariko baragerageza guhunga umugabo yasokoroye ishoka arabatemagura.
Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko uwo musore yabatemaguye afise imyaka cumi n’indwi, akaba yaturuka mu gihugu ca Afganistani, ubu akaba yaba mu gihugu c’Ubudagi.
Igiporisi casohoye icegeranyo kivuga ko uwo musore yari afise ishoka, hamwe n’imbugita. Akaba nawe yahavuye araswa ariko aragerageza guhunga.
Igiporisi kivuga ko abantu batatu bakomeretse cane. Ubutegetsi ntaho buravuga ko coba cari igitero. Inzira zicamwo amagariyamoshi mu bisagara vya Ochsenfurt na Wurzburg zaciye zugagwa.
IGIHE
Messages
19 Mukakaro 2016, 16:38, par Mukristumurugendo
Ubwontimubona ko kuva ibihugu birenganije uburundi bikabufatira ibihano kukarenganyo kobiriko birabona ibihano nkabimwe Frawo yabonera kub’Israel?
Rindira mumisi muzobona ibirenze ivyo.
Gukora mujisho umuntu yahaye umwanya Imana ntibishobora kujijana.
Rekanongere ndamwibwirire umukuru wuburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza nti:
Komeza amasengeshi maze abasibawe imisonga bazoyumvira mubwonko amasengesho ninkota ikarishe cane kandi ntihangarwa.
19 Mukakaro 2016, 19:24, par Umuhoza
Ubwobica nawe agume yica ntampanuro wotanga wisubireho
20 Mukakaro 2016, 08:32, par Sinaipeur 4455 F D N
Mbe Ko Ubufalansa Buvuga Ngo Muburundi Haguma Hapfa Abantu , Mubudagi Naho Hahindutse Muburundi ? Cyanke Nabarundi Bateyeyo ? Nyakubahwa Pesident Nkurunziza : Mukomere Mugumekumana , Abadutega Imitego Nibo Izamangura
22 Mukakaro 2016, 08:25, par Alain Desire Karorero
Erega urucira muka so rugatwara nyoko niko abakurambere bayamaze. Ne fais pas aux atres ce que tu ne voudrais pas qu’on te fasse dit la Sainte Bible