Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudagi : Umuntu yitwaje ishoka yatemaguye abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Umuntu yitwaje ishoka yatemaguye abantu

Ubudagi : Umuntu yitwaje ishoka yatemaguye abantu

mardi 19 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubudagi vyatangaje ko hari abantu batari bake bakomeretse muri gariyamoshi, bariko baragerageza guhunga umugabo yasokoroye ishoka arabatemagura.

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko uwo musore yabatemaguye afise imyaka cumi n’indwi, akaba yaturuka mu gihugu ca Afganistani, ubu akaba yaba mu gihugu c’Ubudagi.

Igiporisi casohoye icegeranyo kivuga ko uwo musore yari afise ishoka, hamwe n’imbugita. Akaba nawe yahavuye araswa ariko aragerageza guhunga.

Igiporisi kivuga ko abantu batatu bakomeretse cane. Ubutegetsi ntaho buravuga ko coba cari igitero. Inzira zicamwo amagariyamoshi mu bisagara vya Ochsenfurt na Wurzburg zaciye zugagwa.


IGIHE

Messages

  • Ubwontimubona ko kuva ibihugu birenganije uburundi bikabufatira ibihano kukarenganyo kobiriko birabona ibihano nkabimwe Frawo yabonera kub’Israel?
    Rindira mumisi muzobona ibirenze ivyo.
    Gukora mujisho umuntu yahaye umwanya Imana ntibishobora kujijana.
    Rekanongere ndamwibwirire umukuru wuburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza nti:
    Komeza amasengeshi maze abasibawe imisonga bazoyumvira mubwonko amasengesho ninkota ikarishe cane kandi ntihangarwa.

  • Ubwobica nawe agume yica ntampanuro wotanga wisubireho

  • Mbe Ko Ubufalansa Buvuga Ngo Muburundi Haguma Hapfa Abantu , Mubudagi Naho Hahindutse Muburundi ? Cyanke Nabarundi Bateyeyo ? Nyakubahwa Pesident Nkurunziza : Mukomere Mugumekumana , Abadutega Imitego Nibo Izamangura

  • Erega urucira muka so rugatwara nyoko niko abakurambere bayamaze. Ne fais pas aux atres ce que tu ne voudrais pas qu’on te fasse dit la Sainte Bible

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.