Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Abantu 80 baguye mu gitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Abantu 80 baguye mu gitero

Ubufaransa : Abantu 80 baguye mu gitero

vendredi 15 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gace kazwi cane mu gisagara ca Nice (Promenade des Anglais) hakozwe igitero gikomeye cahitanye abantu 80 barimwo abana, abandi batari bake barakomereka. Umugizi wa nabi atwara imodoka yo mu bwoko bwa "Camion" yayinjije ku nguvu mu kibanza carimwo abantu benshi bari mu birori, arabagonga.

Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande akamenyesha ko ari ubugizi bwa nabi, ndetse agatunga agatoki umutwe wa Islamic State ko uri inyuma y’ivyaraye bibaye. Yaciye atangaza ko igihugu kigiye kuja mu bihe bidasanzwe, mu kiringo c’amezi atatu.

Abajejwe umutekano batangaje ko uwakoze ico gitero yari mu modoka nini itwara imizigo agenda n’umuvuduko mwinshi yerekeza ahariko imyiyerekano, mu kibanza kizwi nk’izina rya Promenade des Anglais, arabagonga.

Igiporisi caciye kirasa uwo mushoferi w’iyo kamyo aca arapfa, ariko bikavugwa ko nawe yasubizanye amasasu n’abo baporisi, imbere y’uko acikana. Umusore w’imyaka 31 w’Umufaransa afise inkomoko muri Tuniziya niwe basanze yari muri iyo modoka.

Hari haheze iminsi Ubufaransa buvuye mu bitero vy’ubugizi bwa nabi i Paris bwahitanye abantu 130.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.