IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubufaransa buratera ivyatsi imishamirano iriko iraba mu Burundi

Ubufaransa buratera ivyatsi imishamirano iriko iraba mu Burundi

mardi 28 Ndamukiza 2015

Igihugu c’Ubufaransa kiramenyesha ko kibabajwe n’ibiriko biraba mu Burundi muri ino minsi, aho busaba ko hoba umuco kw’iyicwa ryakorewe abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Ubufaransa bumenyesha ko bwafashe nkama igenwa rya Petero Nkurunziza azoserukire umugambwe wa CNDD-FDD mu matora yimirije mu Burundi. Ubufaransa burasaba ko amatora yoba mu mahoro kandi atawe bakumira hubahirjwe ibwirizwa shingiro.

Tubibutse ko imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kuva kuri uwu w’Imana, inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD ushikirije ko Petero Nkurunziza ariwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu Burundi. Aho mukamenya ko abantu bagera kuri batanu bamaze kuhasiga ubuzima, abagera ku 200 bamaze guhagarikwa, aho ndetse n’Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abapfungwa, APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, yagaritswe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ubu akaba apfungiwe mu biro vy’iperereza.


Alida S.

Messages

  • vyari kuba vyiza amakungu aterereye kugira abarundi bakingirwe.impanuro zatanzwe mumajambo ni ntantigiri muga ntacavuyemwo.niharonderwe iyindi nzira y,ugutabariza abarundi kuko impanuro zarasenzwe.

  • souvenez-vous de l’action de la politique francaise au Rwanda durant le génocide.Aho murindiriye iciza kizoba vako. Ubuho ko n’interahamwe abachéri babo bavyinjiye mwo nk’ukundi. Ils vont les appuyer. Mwatahuye ico bavuze kuri mandat y’agasema ya nkurunziza "ngo ils prennent acte"cad baravyemeye naho
    none wumva turindiriye iki? igihute nikimeneke ububisha bwa "génération" bugaragare yigotomerere ca cayi(amaraso)

  • Aba badede batemey yuku bamuhindura tuzokoresha amategeko ya mos tubicish amabuy

  • Ntihagire ico mwitega kubafaransa canke aba birigi
    nibo bazanye izo ndyane.
    murwanda inganda zatikiye babona

  • Ewe Burundi Bwa Nkurunziza Bura Babaj Freemason Yatanguy Kuvoma Amaraso.Tugabe

  • La France a manqué l’occasion de faire une déclaration y relative. Coe c’est un gouvernement qu’on accuse de fomenter un génocide, la Fraance doit agir dans ce sens meme!!! S’il y a une probable participation des interahamwe/ FDLR, ntakindi bari kuvuga! " Elle prend acte"!!!

  • BAMWE BITWAZ,AMAKUNGU KO ABASHIGIKIYEMU KAGUMA KABO NI BASHIRE HASI IVYO AMERIKA N,UBUFARANSA VYASHIKIRIJE NTAGIHUSHANE KIRIMWO NUKO BASA NABAHURIZA KU KWITABIR,AMATORA ATEKANYE KUKO URUBANZA RWABO RUZOCIKA MU MATORA ARIKO *IGIHE * NTIMURATUBWIRA KO Nshimirimana ARAFATWA

  • reka basha reka. ngonibiringo bibababaje? bababajwe nintsinzi yarara ya cndd fdd kubwa nkurunziza akundwa nabanyagihugu isinzi nisinzi. none nibamutsinde ave mwihiganwa.

  • Abo Bagabo Ntibate Ishaye Kubiringo Batubesha Ngobashaka Kwubaka Uburundi Bushasha Ubwo Batubats 1962,1972,1993 Babwubaka Ubu Kobazi Guteranya Gusa Bita Abantu Bamurere.Ubu Imbonerakure Bazite Interahamwe Kugira Tumarane Mbe Ino Mumitumba Urazi Ibisuma Batujije?

  • murantangaje abazi izo ndyadya za abafaransa mwe mubona ko bari guhungishiriza he interahamwe atari iburundi mwibuke ko aribo batanze amahera yambere yo gushigikira amatora suko bazi ibyo bateguteye babura gute gushigikira nkurunziza na kambanda baramushyikiye

  • Ntamuntu numwe atazi ingene aaba faransa bashigikiye inerahamwe mu arwanda, ahubwo nukuraba neza ntibaheve baduta mukaga nkuko babigize mugihugu kubanyi curwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.