Accueil > Amakuru > umutekano > Ubufaransa buratera ivyatsi imishamirano iriko iraba mu Burundi
Ubufaransa buratera ivyatsi imishamirano iriko iraba mu Burundi
mardi 28 Ndamukiza 2015
Igihugu c’Ubufaransa kiramenyesha ko kibabajwe n’ibiriko biraba mu Burundi muri ino minsi, aho busaba ko hoba umuco kw’iyicwa ryakorewe abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Ubufaransa bumenyesha ko bwafashe nkama igenwa rya Petero Nkurunziza azoserukire umugambwe wa CNDD-FDD mu matora yimirije mu Burundi. Ubufaransa burasaba ko amatora yoba mu mahoro kandi atawe bakumira hubahirjwe ibwirizwa shingiro.
Tubibutse ko imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kuva kuri uwu w’Imana, inyuma yaho umugambwe CNDD-FDD ushikirije ko Petero Nkurunziza ariwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije mu Burundi. Aho mukamenya ko abantu bagera kuri batanu bamaze kuhasiga ubuzima, abagera ku 200 bamaze guhagarikwa, aho ndetse n’Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abapfungwa, APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, yagaritswe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ubu akaba apfungiwe mu biro vy’iperereza.
Alida S.
Messages
28 Ndamukiza 2015, 13:33, par pierre
vyari kuba vyiza amakungu aterereye kugira abarundi bakingirwe.impanuro zatanzwe mumajambo ni ntantigiri muga ntacavuyemwo.niharonderwe iyindi nzira y,ugutabariza abarundi kuko impanuro zarasenzwe.
28 Ndamukiza 2015, 14:36, par Manariyo
souvenez-vous de l’action de la politique francaise au Rwanda durant le génocide.Aho murindiriye iciza kizoba vako. Ubuho ko n’interahamwe abachéri babo bavyinjiye mwo nk’ukundi. Ils vont les appuyer. Mwatahuye ico bavuze kuri mandat y’agasema ya nkurunziza "ngo ils prennent acte"cad baravyemeye naho
none wumva turindiriye iki? igihute nikimeneke ububisha bwa "génération" bugaragare yigotomerere ca cayi(amaraso)
28 Ndamukiza 2015, 14:55, par kavuyimbo elic D..j
Aba badede batemey yuku bamuhindura tuzokoresha amategeko ya mos tubicish amabuy
28 Ndamukiza 2015, 15:44, par titi
Ntihagire ico mwitega kubafaransa canke aba birigi
nibo bazanye izo ndyane.
murwanda inganda zatikiye babona
28 Ndamukiza 2015, 16:31, par Ruk.Jack
Ewe Burundi Bwa Nkurunziza Bura Babaj Freemason Yatanguy Kuvoma Amaraso.Tugabe
28 Ndamukiza 2015, 16:49, par Amy
La France a manqué l’occasion de faire une déclaration y relative. Coe c’est un gouvernement qu’on accuse de fomenter un génocide, la Fraance doit agir dans ce sens meme!!! S’il y a une probable participation des interahamwe/ FDLR, ntakindi bari kuvuga! " Elle prend acte"!!!
28 Ndamukiza 2015, 17:05, par Mélchiade
BAMWE BITWAZ,AMAKUNGU KO ABASHIGIKIYEMU KAGUMA KABO NI BASHIRE HASI IVYO AMERIKA N,UBUFARANSA VYASHIKIRIJE NTAGIHUSHANE KIRIMWO NUKO BASA NABAHURIZA KU KWITABIR,AMATORA ATEKANYE KUKO URUBANZA RWABO RUZOCIKA MU MATORA ARIKO *IGIHE * NTIMURATUBWIRA KO Nshimirimana ARAFATWA
28 Ndamukiza 2015, 18:19, par jonas
reka basha reka. ngonibiringo bibababaje? bababajwe nintsinzi yarara ya cndd fdd kubwa nkurunziza akundwa nabanyagihugu isinzi nisinzi. none nibamutsinde ave mwihiganwa.
28 Ndamukiza 2015, 20:09, par Désiré Nishimwe
Abo Bagabo Ntibate Ishaye Kubiringo Batubesha Ngobashaka Kwubaka Uburundi Bushasha Ubwo Batubats 1962,1972,1993 Babwubaka Ubu Kobazi Guteranya Gusa Bita Abantu Bamurere.Ubu Imbonerakure Bazite Interahamwe Kugira Tumarane Mbe Ino Mumitumba Urazi Ibisuma Batujije?
28 Ndamukiza 2015, 20:55, par jigh
murantangaje abazi izo ndyadya za abafaransa mwe mubona ko bari guhungishiriza he interahamwe atari iburundi mwibuke ko aribo batanze amahera yambere yo gushigikira amatora suko bazi ibyo bateguteye babura gute gushigikira nkurunziza na kambanda baramushyikiye
29 Ndamukiza 2015, 09:34, par NZAYONGEJE Felix
Ntamuntu numwe atazi ingene aaba faransa bashigikiye inerahamwe mu arwanda, ahubwo nukuraba neza ntibaheve baduta mukaga nkuko babigize mugihugu kubanyi curwanda