Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa buzohura na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubufaransa buzohura na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro (...)

Ubufaransa buzohura na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2016

vendredi 8 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Antoine Griezman, umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa yafashije igihugu ciwe gukura mw’ihiganwa Ubudagi, ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri yinjije wenyene mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa rya Euro 2016, mu rukiro rwabereye kuri Stade Velodrome iri mu gisagara ca Marseille, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane.

N’igitsindo ca kabiri c’Ubufaransa cinjijwe na Antoine Griezman, ku mupira mwiza yari ahawe na Paul Pogba. Ku bitsindo bitandatu amaze kwinjiza, uwo mukinyi Antoine Griezman akaba ariwe amaze gutsinda vyinshi muri iryo higanwa.

Ubufaransa busanzwe aribwo bwakiriye iryo higanwa buzoca buhura n’umurwi nserukiragihugu wa Portugal mu rukino rwa nyuma, aho akazoba ari kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.