Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa bwabuze abanonotsi rurangiranwa batatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwabuze abanonotsi rurangiranwa batatu

Ubufaransa bwabuze abanonotsi rurangiranwa batatu

mardi 10 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu Bufaransa benshi bababajwe n’urupfu rw’abanonotsi batatu bari mu bafaransa umunani baguye mu mpanuka ya kajugujugu zibiri zagonganye muri Argentine.

Iyo mpanuka yabaye bariko barafata amasanamu y’ agakino gaca ku mboneshakure. Umukuru w’igihugu, François Hollande yavuze ko vyamubabaje cane mu gihe umukuru w’umurwi mpuzamakungu ujejwe inkino za Olympic, Thomas Bach, yavuze ko abegwa na Olympic bose bari mu kigandaro.

Abo banonotsi rurangiranwa bari Camille Muffat, yatsindiye umudari w’inzahabu wa Olympic mu kwoga i London; Alexis Vastine, akina iterana ngumu muri Olympic, na Florence Arthaud, yasiganwa mu bwato buto bugenda ingendo ndende.
Abadereva babiri b’abanye Agentine bari batwaye izo ndege bahasize ubuzima.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.