Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa bwahagurukiye Islamic State - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwahagurukiye Islamic State

Ubufaransa bwahagurukiye Islamic State

mardi 17 Munyonyo 2015, par egide

Igihugu c’Ubufaransa ciyemeje gusenyura umurwi wa IS (Islamic State) ugizwe n’abagizi ba nabi b’abihevyi. Abo bihevyi bakaba baheruka gutora igitero i Paris cahitanye abantu barenga ijana na mirongo itatu.

Umukuru w’igihugu François Hollande amenyesha ko Ubufaransa bwiyemeje gusenyura umurwi wa Islamic State, akavuga ko igisirikare c’Ubufaransa kigiye gukomeza ibitero muri Iraq na Siriya, mu ntumbero y’ukurwanya abo bihevyi.

JPEG - 82.6 ko
Umukuru w’igihugu François Hollande

Mw’itangazo ISLAMIC STATE yasohoye kuri uwu wa gatandatu, uwo murwi wiyemerera ko ariwo wagandaguye abantu barenga 130 mu bitero vyabereye i Paris.

Muri iyo nteguro y’ugusenyura Islamic State, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande yamenyesheje ko azohura mu minsi iri imbere na mugenzi we Barack OBAMA wa Reta zunzubumwe za Amerika, hamwe n’uwutwara Uburusiya Vladmir Putin, bose bakazoganira ingene borondera uburyo bwo kurwanya IS (Islamic State).


IGIHE

Messages

  • Nahomuzanigwapeee,kuniburundi Uwicyagamuramuzi Komutamwiyca

  • MBEGA KO FRANCE IGIYE GUHAGURUKIRA IS(ISLAMIC STATE)KO BASINDUMUJA BAGUMA BIDEGEMVYA IWABO NTIWUMVA KO BARI KURENGANYA UBURUNDI N’ABARUNDI?BWABUNDI AKARIMI KAVUGA INAGORE KARAGOROROKA BOBO BORUBONA UZINGENE BAHORA BAKOKDNZA NGUBURUNDI BUHONYANGA AGATEKA KAZINA MUNTU EHE MAMA NGO NIHONYABWOKO!IMITAHE MPUZAMAKUNGU YO GUFATA BASINDUMUJA NTIYASOHOTSE?NONE KWARIBO BIRIGWA BARAKOKEZA BONGERA BATUMA BASINDUMUJA BABO ARIBO BIRIGWA BARAGANDAGURA ABANTU I BJA,NTIBOHAGURTKIGWA BOBO?IGITANGAJE KANDI INYEGEZE MURIVYO BIHUGU VYA BURAYA,USA,FRANCE,RUSSI,CHHNE....ARLTE BA SINDUMUJA SVP.

  • urya murwi wa IS urakomeye cane bavuzeko irya ari intango nimugerageze nzoba mbona

  • ahubwo nibatagure ibiganiro, kuko ivyobitero bizotuma ibintu vyunyuka, abobagizi banabi bazokwinyegeza mubanyagihugu hama mugutera bace bajaniranya.....e nabo nibaje mubiganiro kugirango habe amahoro kwisi yose. ataruko bazoba bagiye gusambura biriya bihugu. batabigize naho bace bareka reta yuburundi nayo ituze inkozi zibibi....

  • Abo niba sindumuja bahaye ibirwanisho urwaruka go muri france babaha na za drog bacabarasara babiturikiriza mubari bibereye muri stad birabira umupira aha ibujumbura hoho ntimuziko bateza zagrenade mubunwero kandi ubunwero arubwabantu bose dufatiye munyakabiga haruwutaziko ari caritiye yabamujeri? None bateyemukabare 90% bafha nibande? Hanyuma ngo nkurunziza aramaze ubwoko kumbe niza drog babahaye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.