Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa bwashizwe ku rutonde rw’ibihugu vyambere vyankwa na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwashizwe ku rutonde rw’ibihugu vyambere vyankwa na (...)

Ubufaransa bwashizwe ku rutonde rw’ibihugu vyambere vyankwa na Al-Qaïda

dimanche 1er Ruhuhuma 2015

Ubufaransa bwashizwe ku rutonde rw’ibihugu vya mbere vyankana n’umurwi wa Al-Qaïda usanzwe ufatwa nk’uwiterabwoba kw’isi.

Ibrahim al-Rubaish arongoye rimwe mu mashami ya Al-Qaïda ryitwa Aqpa, akaba yavugiye mu majwi yashize ahabona ko igihugu c’Ubufaransa casubiriye igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika mu kwankana n’uwo muhari w’iterabwoba. Ivyo Ibrahim al-Rubaish, akaba yabishikirije inyuma y’igitero cagizwe ku kinyamakuru Charlie Hebdo, abateye bose bakicwa mu rudavagi rw’amasasu.

Muri ico kigitero cari cagizwe kuri ico kinyamakuru, abagera kuri 17 bakaba bari bahitanywe n’amasasu barashwe n’abadjihadistes babiri bavukana Kouachi hamwe n’uwutwa Amedy Coulibaly. Mukamenya ko hari n’uwundi yafatiwe mu gihugu ca Bulgarie, aca azanwa ubutarariye mu gihugu c’Ubufaransa, aho bivugwa ko nawe yoba yakorana n’abo bavukanyi Kouachi. Uwo yafashwe afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, yitwa Fritz-Joly Joachin.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.