Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa bwatanguye kugira ibitero vy’indege muri Siriya
Ubufaransa bwatanguye kugira ibitero vy’indege muri Siriya
dimanche 27 Nyakanga 2015
Igihugu c’Ubufaransa catanguye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015,kugira ibitero mu gihugu ca Siriya,mu ntumbero yo gutuza imirwi y’iterabwoba,n’umurwi wishinze gushinga Reta ishingiye ku mategeko ya Islam Etat Islamique.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu,ivyo bitero mu gihugu ca Siriya babaikoze mu ntumbero kwubahiriza ibikorwa vy’Ubufaransa,bafashanije n’abo bafashanya ico gikorwa co kurwanya imirwi y’iterabwoba mu karere.
Mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa vyari vyamenyesheje ko bizokwivuna mu gihe hoba ibikorwa vy’agasomborotso,iryo tangazo ryasohotse rimenyesha ko Ubufaransa buzotera mu gihe cose umutekano w’igihugu wobangamirwa.
Iryo tangazo rimenyesha kandi ko indyane ziri mu gihugu ca Siriya zitegerezwa gutorerwa inyishu mu murwi,kandi abanyagihugu bakenewe gukingirwa amabi yose,arico gituma Ubufaransa bwiyemeje gukorana n’imirwi yose kugira mu maguru masha hajeho ingingo za politike ziheza ibibazo muri Siriya,kandi bashigikiwe n’intumwa idasanzwe ya ONU muri Siriya.
Van Naris Mugisha
Messages
27 Nyakanga 2015, 16:31, par giswi
mwabikara mwe mwish kadafi ataco mumuhoy
27 Nyakanga 2015, 18:02, par fidelite
Abafaransa basaze mu kwiba,iyi crise economique izosiga isi iremvye,ubu moindre geste ni indege,ni bombes,n’utubiligi natwo ntitugitangwa kuja kwiba,reke twumve ingene bizogenda n’abarussia kuri terrain,
27 Nyakanga 2015, 20:16, par bongo
abazungu murabicanyi mugabo imana izohorera abanya firika muguma mwica nkinyegeri umengo ntacobamaze.kadafi yarintwari mwarisha sadam useini murica mugabo namwe ntimuzobaho imyaka yose.
27 Nyakanga 2015, 21:20, par djuma
iyo mihari igira iterabwoba nimwe mwayihaye inkoho ngo mukure umukuru wigihugu wa siriya none vyabataye kuwamazi.
1er Gitugutu 2015, 20:33, par Niyonkuru samwel
ewe mana yanje jewe ndababaye ibikomerezwa Gadfi na Sadmuhusne et osama intwari zacu murazihanye aflcan, twihangane imana izotwishura.......... umkbwa yitond ndamkney tel 250737413825
3 Munyonyo 2015, 16:23, par ABDUL
none ubufarasa buronderiki murisiriya buhohotera abisilamu nkande nibuveyo