IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubufaransa bwiyemeje kubandanya bushigikira Uburundi mw’iterambere

Ubufaransa bwiyemeje kubandanya bushigikira Uburundi mw’iterambere

mardi 12 Ntwarante 2013

Ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris,ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 ntwarante 2013,haratewe umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubufaransa,kuva mu mwaka wa 2013 gushika mu mwaka wa 2015.

Ayo masezerano yateweko umukono mw’ihoteri Meurice,hari umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza hamwe na Laurent Kavakure,umushikiranganji wo gufashanya hagati y ‘Uburundi n’ayandi makungu no gufashanya,hamwe n’umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe ivyo gufashanya n’ayandi makungu,ajejwe iterambere, Pascal Canfin.

Mw’ijambo ryiwe ,Laurent Kavakure yarashimye ayo masezerano,aje kwemeza ugushaka gukomeza ubucuti buri hagati y’ivyo bihugu bibiri,yongera amanyesha ko ayo masezerano ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyemejwe mu nama y’abafasha Uburundi yabereye i Geneve mu kwezi kwa gitugutu kw’umwaka uheze wa 2012.

Ku ruhande rwiwe,Canfin yaremeje ko Ubufaransa buzobandanya gushigikira Uburundi mu kigoro mu bijanye n’iterambere,amenyesha kandi ko ayo masezerano ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo y’Ubufaransa yo gushira Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vya mbere bifashwa n’Ubufaransa.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.