Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Delphine Ernotte, umukenyezi wa mbere arongoye ikinyamakuru ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France : Delphine Ernotte, umukenyezi wa mbere arongoye ikinyamakuru ca (...)

France : Delphine Ernotte, umukenyezi wa mbere arongoye ikinyamakuru ca Reta

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Imboneshakure yo mu Bufaransa, France Télévisions, iramutswa umuyobozi mushasha. Delphine Ernotte agiye kuyirongora, abaye umukenyezi wa mbere arongoye ikinyamakuru ca Reta muri ico gihugu.

Delphine Ernotte yatowe kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 ndamukiza, n’inama nkuru ijejwe ibimenyeshamakuru. Inyuma y’iminsi ibiri, umurwi ugizwe n’abantu umunani ntivyaworoheye kumuhurizako kuko habaye amatora abiri, bidakunda ko akwiza amajwi asabwa.

Ahejeje gutorwa, Delphine Ernotte yamenyesheje ko agiye gushira inguvu mu kwihweza ibiganiro, no mugukurikiranira hafi kazoza k’ikinyamakuru agiye kurongora, ariko akaba ataco yemeye agiye guhindura.

Uwo mukenyezi w’imyaka 48 y’amavuko, yari asanzwe arongoye ishirahamwe riraba ivyo gutumatumanako amakuru Orange France.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.