Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugeni bwa Fortran Bigirimana na Sophie Derain burimirije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Ubugeni bwa Fortran Bigirimana na Sophie Derain burimirije

Ubugeni bwa Fortran Bigirimana na Sophie Derain burimirije

lundi 30 Nyakanga 2013

Fortran Bigirimana gutanguye imyiteguro y’urubanza rwiwe rwo gushingiranwa n’umwigeme w’umufaransakazi yitwa Sophia Derain. Umuririmvyi Fortran akaba aherutse gushika i wabo w’umukunzi wiwe kwimenyekanisha. Ndetse harabaye ico bita "fiancaille".

JPEG - 53.1 ko
Fortran Bigirimana kumwe na Sophie Derain

Nkuko Fortan Bigirimana yabimenyesheje aho yaganira n’ikimenyeshamakuru IGIHE, urukundo rwiwe na Sophie Derain rwagiye ruvugwako n’abantu benshi bamwe bavugako bakundanye urudashoboka kuko imiryango itabihurizako. Abandi ngo Sophie Derain n’umukunzi w’umuziki wa Fortran gusa. Ariko ntibigeze biyumvira ko ari urukundo rwukuri ruzovamwo urugo.

JPEG - 62.9 ko
Fortran Bigirimana hamwe na Sophie Derain

Fortran ati: “ Ivyo vyose ntivyanciye intege kuko urukundo nyarwo ruja aho rugomvye ntabwo ruraba imigabane, ibihugu n’ibindi. Abantu bakundana badahendana biragoye ko hari uwabatandukanya. Ubu ukuri kugiye ku mugaragaro kuko nahejeje gutanguza ibijanye n’urubanza rwo gushingiranwa n’umukunzi wanje. Ubu namaze kwiyerekana mu muryango w’umukobwa nkaba namaze gusaba irembo”.Fortran amenyesha ko atagihe kinini gisigaye ngo arangize ibijanye no kuronka uburenganzira bwo kwibanira n’umukunzi wiwe Sophie Derain. Fortran avugako yizeye ko Imana n’abakunzi biwe batazobura kumushigikira kugira urubanza rwiwe rube.

Twokwibutsako, hampande y’umuririmvyi Fortran Bigirimana, uyundi muririmvyi aririmba indirimbo zo gutazira Imana, David Nduwimana nawe nyene imyiteguro y’ubugeni bwiwe yayitanguje. Amaze iminsi itari mike mu gihugu ca Australiya aho yagiye gutanguza ivy’ubugeni bwiwe n’umwigeme bakundana akomoka muri ico gihugu. Asigaje ukwezi kumwe ngo agaruke mu Burundi kuko ariho hazobera ubugeni.


SENGUREBE Joël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.