Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubugeni bwa mbere bw’abahuje ibitsina muri Afrika y’epfo
Ubugeni bwa mbere bw’abahuje ibitsina muri Afrika y’epfo
dimanche 14 Ndamukiza 2013
Tshepo Modisane na Thoba Sithole baraye barushinze imbere y’abatumire amajana abiri. Ivyo bishitse mu gihe Leta y’Ubufaransa buhejeje gutora itegeko rirekurira ubugeni bw’abahuje ibitsina be n’uburenganzira bwo kurera abana mu ngo zabahuje ibitsina, Afrika y’epfo ihejeje guhimbaza ibizoba bibawe ubwa mbere, ubukwe bw’abahuje ibitsina.
Abo bagabo babiri mu bisanzwe bakaba barushinze mu mico yab’abazuru,bambaye imyambaro kama y’igihugu.
Bompi bafise imyaka 27 , Tshepo Modisane na Thoba Sithole bashimye guhimbaza ubukwe bwabo nk’uko ba sokuru babo babigenza. Ubugeni bw’abahuje ibitsina burarekuriwe muri Afrika y’epfo kuva mu mwaka w’2006. Tubamenyeshe ko igihugu ca Afrika y’epfo gifashwe nk’igihugu giteye imbere mu kwubahiriza agateke ka zinamuntu na cane cane mu bibazo vya LGBT (Lesbian Gay Bisexual Transexual) navyo bikaba ari ibibazo vy’ ugukumira n’uguhohotera abahuza ibitsina.
Mu mirimo ya misi yose, Tshepo akora akazi ko kugenzura amashirahamwe, Thoba nawe ni umuhinga muvya computer. Bariteguriye kurera abana : “ Birakwiye ko tugira abana, umuryango ni ikintu ngombwa kuri twese.”
Baripfuza ko bobera akarorero abanegihugu bose badashika ku rugero rwo kwakira kamere mpuzabitsina kabo.
Umuryango wa Tshepo Modisane be n’uwa Thoba Sithole ukaba washigikiye abana babo ukuri kwamye
Armel Nakindavyi
Messages
14 Ndamukiza 2013, 12:03, par crema
Isi yarashize pee!! ibi nibiki kweli???????????? mundabire . ntibize bigere iwacu Burundi
14 Ndamukiza 2013, 13:05, par Biraryoshe
biraryoshe sha! natwe abahingamateka nibarabe batore itegeko hakiri kare !!!
15 Ndamukiza 2013, 07:07, par KUMIRO
ARIKO HARICO NTATAHURA ababizi munsigurire!!! none ninde mugore ninde mugabo? SEXUALITE se yoyo bayikora gute? Mugisusu????? HAHAHAHAAAA none se ninde a presanta igisusu ngo binjizemwo kabutindi??? ni umugore cyangwa ni umugabo??? HAAHAHAHAHAHAAAA SHA ibi bintu rwose biransekeje peeeeee!! pupupupupupupupupuuuuuuuuuuuuuuuu ndabivumye ntibikagere i Burundi.
15 Ndamukiza 2013, 08:36, par alaisha
isi irashaje pe
23 Ndamukiza 2013, 21:22, par Muragowe Isiraheze
Nukuri isi igihe kuriduka,yaba no muri bibiliya canke korowani ntahantu handitse ko abantu bahuje ibitsina bubakana.
14 Rusama 2014, 15:35, par berhcimas
nigihe ca satani ivwontavwabaye