Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubugeni bwa mbere kw’isi bwatwaye amahera menshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubugeni bwa mbere kw’isi bwatwaye amahera menshi

Ubugeni bwa mbere kw’isi bwatwaye amahera menshi

mardi 30 Nyakanga 2014

Ubugeni bw’umukinyi w’amareresi George Clooney n’umucamanza Amal Alamuddin bwabaye ubwa mbere bwakoresheje amahera menshi kuva abantu barongora abandi bakarongorwa. Inyuma y’urubanza barerekanye igiharuro c’amafaranga bakoresheje.

JPEG - 59.8 ko
George Clooney n’uwo bubakanye Amal Alamuddin

Kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2014, Amal Alamuddin umucamanza akora muri sentare mpuzamakungu avuka muri Liban na George Clooney umunyamerika n’umukinyi w’amareresi bagize ubugeni bwa mbere buzimvye. Ubwo bugeni bwabereye mu nzu y’ingenzi bivugwa ko ari iya mbere izimvye. Yitwa "Aman" (Hotel 7 Etoiles) y’i Venise mu Butaliyano.

Ikinyamakuru 7sur7.be kiratanga urutonde rw’ingene amahera yakoreshejwe :

1) Inzu y’ingenzi "Aman" na Belmond Cipriani bayirishe amadorari 180.000 (munsi turababwira yose hamwe uko aharurwa mu marundi)

2) Batanze amahera y’itike ry’indege angana ibihumbi 340.000 vy’amadorari,

3) Bakose ubwato bagenderamwo, n’ubw’abatumire babo ku madorari 70 ku bwato bumwe

4) Abo bageni bafashe ivyumba 24, kimwe bakiriha amadorari ibihumbi 60.000 ijoro rimwe,

5) Bakoresheje abacunga umutekano n’abugurura imiryango bagera 400 ariko aha ikinyamakuru 7sur7.be nticavuze ayo bariha umwe umwe wese. Abantu bose bari batumiwe muri ubwo bugeni bari bahawe ngendanwa nshasha ariko idafata isanamu kugira ntihagire amasanamu mabi canke batazi uwayafashe akwiragizwa. Iruhande y’ivyo bari batanze izindi ngendanwa karuhariwe mu gufata amasanamu, aho isanamu imwe yose, yafatiwe aho hantu izomenyekana uwayifashe.

Ku ruhande rw’ivyo gufungura, umuntu wese yari yatumiwe muri ubwo bukwe yari yandikiwe imfungurwa zifise agaciro k’amafaranga amajana indwi na mirongo itanu y’amadorari (750 dollars). Bivugwa kandi ko umuririmvyi Sana De Rey yagirishije igiteramo yoba yahawe amahera angana n’umuriyoni w’amadorari. Ikinyamakuru 7sur7.be, candika ko amafaranga yoba yarakoreshejwe muri rusangi yoba angana imiriyoni 13 z’amadorari, Ayo aharurwa ku miriyaridi mirongo ibiri n’imwe n’imiriyoni amajana ane na mirongo itanu z’amarundi (21.450.000.000Frbu).

Mwomenya ko Amal Alamuddin abaye umugore wa kabiri wa George Clooney inyuma ya Talia Balsan babana mu myaka y’1989 n’1993.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Aho urabeshe kuko ubwi wanje bwaragakura.urabaza ababwitavye

  • None basigaranye angahe mukigega cabo?

  • Ivyo koko nivyo naravyiboneye,kandi najewe niyo nari,kandi nari umutumire umwe muribo yaje ava IBURUNDI,nkabamenyeshako nagiyeyo nitwaje akabahasha k’imiriyaridi zitatu n’imiriyoni zitanu zamafaranga y’amarundi <<3.500.000.000Fbu>> aho ntasizemwo itike y’idenge yankuye BUJA Q:KINAMA ishikana "Aman"(Hôtel 7 Etoiles)y’Ivenise mu Butariyano ahabereye ubwo bungeni.

  • Oya uratohoza neza Mr le journaliste,iyo mariage siyo yambere kuko mariage ya prince william d’angleterre yatwaye plus de €40 million. ..

  • Mwese muvuga ivyo mutazi murabona amakwe azimvye mbaza kuko nanje ubganje bgantwaye ayasumbaho kabiri.iyaza kuba ari umugore wa mbere vyarivyo none aho baharuriyemwo nayo yagiye arasambanisha mubandi bamaraya ngo naho yari yakoresheje amakwe.Niba mugira ngo ndabahenda mumumbarize umugore wiwe wa mbere arihe?uwo mugabo numusambanyi ntiyigera arongora ngo amenye ico bita umugabo.Murantunga ikibgigwa nicumva

  • uwo siwe yagize ubwamberebbuzimvye kuko ubwiwanje bwatwaye miriyaridi igihumbi namajana ane

  • Muntu wanditse iyo nkuru, wabeshe, ukaba utabeshe ndagusavye uhindure kuko ntiwovuga ko itike y indege yatwaye " 2) Batanze amahera y’itike ry’indege angana imiriyoni 340.000 z’amadorari," hama ukavuga ko ayakoreshejwe yose ari 13 million

    " candika ko amafaranga yoba yarakoreshejwe muri rusangi yoba angana imiriyoni 13 z’amadorari, Ayo aharurwa ku miriyaridi mirongo ibiri n’imwe n’imiriyoni amajana ane na mirongo itanu z’amarundi (21.450.000.000Frbu)." gerageza muhindure kuko mbona mwihenze

  • bube ubwambere canke bureke ntabuzozo bungana nubwi kana .

  • MANIRAKIZA Vincent

  • Iyo Nkuru Ego Niyo None Mugomba Idufashe Iki ? Gusesagura Yakaraba Umukene Akamuha Nadukeya Ntaba Aryohewe Erega Aribuka Hariho Nuwukenye Utyo Ararira Ahubwo Naje Arafasha Aba Povre Baba Munzu Zivyatsi Jewe Ndagize Ubutazimvye Ayandi Tuza Turafasha Abakennye Mugire Amahoro Y ’imana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.