Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubuhindi: Umusore yahebwe n’uwo bagomba bubabakane kuko ananiwe 15+6 ico (...)
Ubuhindi: Umusore yahebwe n’uwo bagomba bubabakane kuko ananiwe 15+6 ico bitanga
samedi 14 Ntwarante 2015, par
Mu gihugu c’Ubuhindi hari umugeni yahagaritse ubukwe bwiwe bitewe n’uko umugabo wiwe atamashure afise.
Igiporisi mu Buraruko bw’Ubuhindi kivuga ko umugeni yavuye mu bukwe arigira, bitewe n’uko umugabo wiwe yananiwe ibiharuro(Guharura bisanzwe). Uwo mugeni yamubajije cumi na gatanu guteranya gatandatu, ico bitanga. Umugabo atanze inyishu itariyo mu kuvuga ati: indwi, umugeni yaciye ahagarika ubukwe avuga ko bigaragara neza ko uwo musore ata mashure afise.
Igiporisi mu ntara ya Uttar Pradesh, aho ubwo bukwe bwariko burabera, kivuga ko cafashije kugira utuganuke hamwe n’ibindi vyose vyari vyatanzwe, bisubizwe.
Mu kwezi guheze, ubundi bukwe mu Buhindi bwavugishije benshi aho umugeni yubakanye n’umutumire mu bukwe, bitewe n’uko uwo bari kwubakana yafashwe n’intandara.
Floxella Karire
Messages
14 Ntwarante 2015, 14:31, par JB
Hahahah!!! Iyumvire ubu naho ko vyashitse umugabo agasanga umutambukanyi wiwe niwe atazi guharura. Mwiyumvirira ko vyari guca bigenda gute?
16 Ntwarante 2015, 11:07, par j luc
Sha ahohantu ntabakobwa baragwira? hoba muburundi aronse uwumuvugisha yoba atomboye..
17 Ntwarante 2015, 09:12, par NdayiragijeAlainDonatien
hahaaaa!! ndumiwe ba6!
17 Ntwarante 2015, 09:13, par NdayiragijeAlainDonatien
hahaaaa!! ndumiwe ba6!
29 Mukakaro 2015, 18:29, par ntitetereza
ntawubiziko arico yamujijije.kuko bari bamaranye igihe kirekire bakundanye.ntibishoboka ko atari bwamenyeko atize.