Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Ubuhinga bushasha bwo gufasha abatagira akazi
Ubuhinga bushasha bwo gufasha abatagira akazi
mercredi 24 Ndamukiza 2013
Kazinews.com umuhora mushasha w’ ishirahamwe rishasha KS (Kurugero Soft s.a).N’ishirahamwe rishasha rikoresha ubuhinga ngurukanabumenyi mu kugabanya ibura ry’akazi mu gihugu c’u Burundi.
Bakoresha cane uburyo bwitwa NTIC (Nouvelles Technologiesde l’Information et de la Communication.) rikazotuma abashaka akazi bama bazi ku munsi ku munsi,kw’isaha kw’isaha aho bariko baratanga akazi,abariko baratanga akazi n’ivyo basaba uwushaka akazi.
Kazinews.com ikaba ibaha uburyo bunyaruka bwitwa alerte SMS,bubafasha mu kuronka ubutumwa bwitwa SMS mu materefone ngendanwa,ubwo butumwa bukaba buba burimwo aho bakeye umukozi bijanye n’ivyo wasavye gukora,mukoresheje ubuhinga alerte SMS canke alere Email muzoronka inyishu ku kibazo c’ibura ry’akazi mu gihugu.
Eka rirafasha no ku batanga akazi kuko hazoronka akazi aba bishoboye atari abakozi gusa,eka kandi hakaronka akazi abagakunda kandi bakiyumvamwo atari abanebwe.Kazinews.com ikaba isaba abantu bose batagira akazi kwamana hafi ivyankenerwa bimwe bimwe,kubijanye na CV,www.kazinews.com niyo ibabwira ibikenewe.
Jean de Dieu Munyembabazi
Messages
12 Munyonyo 2014, 08:57, par HORUGAVYE philibert
Iki ciyumviro ni ciza cane ariko iyo tumenya bureau na tel yanyu tukazoza kuvugana!ivyo twize mubimenya gute?murakoze!
22 Ndamukiza 2016, 15:19, par GIRUKWISHAKA Jocelyne
Iciyumviro niciza gose. Mbe none hasabwa CV gusa kwariyo mwavuze KO yokwama hafi?? None ntamafaranga musaba ko mugikorwa nkiki gikenera uburyo? Murakoze
20 Nyakanga 2016, 15:52, par Terimbere jimmy
Nivyiza cà ne abarundi bariko baramenyera gikora biteza imbere batezimbere nabandi
.none mwaratanguye gukora