Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuholande bwatanze intererano y’imiliyoni cumi
Ubuholande bwatanze intererano y’imiliyoni cumi
vendredi 3 Rusama 2013
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Rusama 2013, hatewe umukono ku masezerano y’imfashanyo y’amafaranga y’amanyaburaya angana imiliyoni cumi, hagati y’umushikiranganji w’ikigega ca Leta Tabu Abdallah Manirakiza yaserukiye Leta y’Uburundi na Jolke Oppewal aserukira igihugu c’Ubuholande mu Burundi.
Iyo ntererano ije mu mugambi w’ikigega rusangi gifasha mu vy’uburimyi, ikaba ibaye iya kabiri ihawe ico kigega inyuma y’iyatanzwe n’ishirahamwe GIZ ku genekerezo rya 13 Kigarama umwaka w’2012. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza.
Egide Nduwimana