IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuholande bwiteguriye kubandanya gufasha mu bikorwa vy’iterambere

Ubuholande bwiteguriye kubandanya gufasha mu bikorwa vy’iterambere

mercredi 1er Rusama 2013

Igihugu c’Ubuholande carahimbaje ku mugoroba w’ejo kuwa 30 Ndamukiza 2013 umusi baronka intahe yo kwikukira.

Mw’ijambo ry’ikaze, uwuserukira igihugu c’Ubuholande mu Burundi, Opperwal Yoike ari nawe igiserukiye ubwa mbere mu Burundi , kuko ubwo buserukizi butahahora, yamenyesheje ko igihugu ciwe citeguriye gushigikira Uburundi mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere.

JPEG - 34.6 ko
uwuserukira igihugu c’Ubuholande mu Burundi, Opperwal Yoike

Mu migambi bamaze kurangura mu gihugu c’Uburundi, yatanze akarorero k’umugambi ufasha abahunguka, umugambi wo gukwiragiza amazi meza mu mihingo yo hagati mu gihugu, gufasha gutegura ingabo zirungikwa guhagararira amahoro mu makungu.

Uwaserukiye Leta y’uburundi, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Laurent Kavakure yarakengurukiye Ubuholande ku gacumu k’ubumwe yama yaterereye mu bikorwa vy’iterambere, aho mbere basanzwe bafasha mu gisata c’uburimyi ari nabwo butunze abarundi barenga ibice mirongo icenda kw’ijana.

JPEG - 30.2 ko
Uwaserukiye Leta y’uburundi, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Laurent Kavakure
JPEG - 41.4 ko
JPEG - 39.2 ko
JPEG - 37.1 ko
JPEG - 40.1 ko
JPEG - 42.2 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.