Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubukene bw‘igitoro mu gisagara ca bujumbura
Ubukene bw‘igitoro mu gisagara ca bujumbura
mardi 26 Ruhuhuma 2013
Ubukene bw ‘igitoro ca esansi buribonekeza mu gisagara ca Bujumbura.ni vyo bigaraga aho twaciye ku bituro vya esansi kuri uwu wa kabiri itariki 26 ruhuhuma 2013.
Ku bituro cumi n’indwi , bitatu gusa nivyo vyaba biriko birakora.ahandi twaciye twasanze ari imirongo miremire y’imiduga na ma moto irindiye kugaburirwa.
kuri station central du marche twasanze hagaragara ata muduga uriko urahanyweshereza.
abo twagiye turabaza batubwiye ko cabaheranye ariko bamwe bamwe bavuga ko ejo aho bukera bazoba bagifise.aba shoferi ba taxi twabajije batubwiye ko kitabuze arikwikika mu kiza bakinyegeje kubera idorari ry ‘aba ny’amerika riguma riduga batinya guhomba.
Digne hornette Gakima
Messages
26 Ruhuhuma 2013, 11:16, par Birababaje
Si iyo mu burundi gusa no ngaha muri south africa ama station amwe amwe nta gitoro cariho caje kubuneka k,umugoroba