Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubukene bwoba buri mubituma bamwe mu bantu ataco bacibanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubukene bwoba buri mubituma bamwe mu bantu ataco bacibanga

Ubukene bwoba buri mubituma bamwe mu bantu ataco bacibanga

samedi 23 Munyonyo 2013

Anicet Ndayarinze avuga ko mu karere aherereyemwo, abona abagabo bakuze baza kurondera abigeme bakiri bato, bamwe usanga ari abagabo badandaza, abandi ugasanga ari abayakorera ku munsi ku munsi, bayaronse baca baza kuyahendesha abakobwa abo bakaba ari nk’abadereva, bamwe mu bakozi ba Reta, abubatsi, abakora ubuzi bwo gukora amabarabara, abapakurura imizigo n’abandi.

Kudashobora kuronka ico umuntu akeneye kubera ubukene buri mu miryango, akaba ari kimwe gituma ubuhumbu burwira, ugasanga abo bana b’abigeme ataco batinya, ndetse ugasanga rimwe rimwe bariko bakina n’abatama bangana n’ababavyaye, ibiteye ubwoba. Umwe muri abo akaba yarayaze n’ikinyamakuru IGIHE, avuga ko yaje ava mu ntara ya Karuzi aje kwiga, uwari yemeye kumufasha aca aramwihinduka, kuko atakwo yari bugire, ubu avuga ko yaronse umutama akuze, amurihira inzu, akamuha amafaranga y’ishure, akamuha ayo gusuma, akamugurira ico akeneye cose. J.K w’imyaka 21, avuga ko uyo amufasha ivyo ahora aza akahamara ijoro rimwe gusa, agaheza agataha. Ubu J.K avuga ko abayeho neza, naho yemeza hari aho yumva agize isoni z’abamubona bariko bayaga nk’abantu bakundana, canke yicaranye mu buriro n’umugabo w’imyaka 59.

Umunywanyi w’ikinyamakuru Forum Psychologie akaba ariwe yanditse avuga ko bimurengera iyo abonye umwigeme ariko ariruka inyuma y’umugabo amurusha imyaka 20 canke 30. Ati kandi n’akamuna kubona umugabo w’imyaka 60, ariko asangira n’umwigeme w’imyaka 20, mu buriro bw’iherereye, canke bajanye mu butambiro, yasize uwo bubaknye mu buriri. Uyo musore Kevin akaba we abona ivyo nk’indwara yateye, kandi hakenewe abize ivy’inyifato kugira babakurikiranire hagufi, babumvirize bose amazi atararenga inkombe.

Izo ngorane z’abigeme basangira akabisi n’agahiye n’abagabo babaruta, bafise abandi bagore, ku kaba kuri muri bimwe bituma hama hatowe abana banizwe bariko baravuka, abandi bagakorora inda, abandi nabo bakemera bakavyara uyo mwana, ariko ari ukwo babuze ukwo bari bugire. Hari abasaba ko hoba inyigisho ku bakiri bato, ukwo bakwiye kwitwara, ukwo bakwiye gukingira amagara yabo kugira amasanganya abakiri bato bahura nayo agabanuke. Muri ayo masanganya hakaba harimwo ukwo gutwara inda z’ishushu, kwandura indwara zo mu bihimba vy’irondoka, guta amashure hagati kubera ingorane ziba zivuye ku busurashuzi, gufata ibinyobwa bibarengeye kuko babigurirwa n’abo babashurashuza, kuba ataco bacibanga na kimwe, n’ibindi vyinshi.


Aristide Nizigire

Messages

  • E. ngo :"Umwigeme J. K. ... " (kandi azi uko yitwa).Amuhishira kuki nimba uwo mwigeme ivyo agira bitabereye ?Ivyo ni ibiki ? Birababaje i Burundi aho abanyavyaha bahishirirwa.MUDOMEKO URUTOKE nawe aserure ico kigabo maze UBUCAMANZA busaceBURABE KO BOBA BERA. Aho kuri Police de mineurs kari kubutse ?Noneho ntaco vyonamara aho IGITURIRE GITUZA UBUTUNGANE . Reke rero kwirigwa murabivuga.Jeho mbona ko IBIBA UBU ARI IBIMENYETSO VY’IBIHE VYA NYUMA aho icaha gikorwa ku mugaragaro nk’ubuhizi (hari Ababibona).Uwagikoze we n’aho yofatwa buca yidegemvya ngo yejejwe.Womengo twihanira urubibe na Sodoma na Gomora.

  • Ko mutatubwiye abo tubona kw’ishusho abaribo? Mwa bigeme baca umugani ngo " uheza kugoka ibigori bikera". Ntimukice ubuzima bwanyu Kubera amaronko. Le fait ko mugira isoni nuko ivyo mukora ari ibitera soni. Mwihane rero Imana izobaha ivyo mwifuza.

  • None abo nibo mwafatiyeko?Jewe nibazako ari Umwuzukuru wiwe yariko araramutsa nibazako yafashe ahatariho gusa!

  • Jewe mbona abo bakobwa n’abagore batokwitwaza ubukene ngo nivyo bituma basambana ahubwo ningeso yabo baba bafise,none ko hariho abasore hamwe n’abagabo bakenye caaaane nabo baraba sambanya?ijambo ry’IMANA rira vuga riti:<umuntu ntaturwa n’indya gusa araturwa n’ijambo ry’IMANA.>

  • mbegibaranakamaramaza mu Burundi bwa Nyaburunga!Niba koko iyifoto iboneka muriyinkuru atari montage,uyu mutama nafatwe apfungwe kukontagira nisoni gufata gurtya uyumukobwa ugaragara angana numwuzukuru we,inzego zibijejwe zihaguruke nayo Uburundi buraba nkibindi bihugu tubona aho ubushurashuzi bwabaye ndanse,mbegabakobwa,ntimugitinya koko,basogokuru banyu pe nibomusigaye mukurira impuzu,pole sana!

  • Ivyo kuvuga ko ari ubukene butuma ubusambanyi ku bigeme ni kimwe ariko natwe abavyeyi biratuvako kuko ngo"umwana ahoha ururmi yonse"avyeyi ntiducereka akarorero keza abana bacu haba mu mvugo canke mu nyifato zacu.Turibagira ko umwana yubutwe n’ivyo akura kubamwibarutse imbere ko amenya ibimukikije.jewe ndemeza ko abavyeyi bamwe duhera kwigisha nabi abana bacu bakiri bato cane(ku mwaka ibiri) .Abavyeyi bamwe turacabuze inyigisho ntegurabanga ryo kubaka no kurera.

  • Eka si ubukene ahubwo n’indero yatitutse mu rwaruka vyunyurwa n’abavyeyi badebukiwe mugutanga indero mu bana.kandi kare umengo uwagiriwe n’ubusambanyi(kurenga ibigo) baramucira umukenke abandi nabo(nkabo bagoka kubobareze,abangana n’abana babo,abangana n’abuzukuru babo) yari imyaka murongo ibiri n’itanu y’umunyororo.vyarahindutse?Ni kubahasha no kugarukira indero ntawundi muti!

  • IVYOBINTU BIRATEYE ISONI VYOKUGENDANA NUMWANA ANGANA NABOWIBARUTSE? TUZE TURAHANURA ABO BATAMA BAZE BARAGENDERA ABOBINGANA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.