Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumuga bw’amano makuru "Hallux Valgus" buva kuki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubumuga bw’amano makuru "Hallux Valgus" buva kuki?

Ubumuga bw’amano makuru "Hallux Valgus" buva kuki?

mercredi 10 Nyakanga 2014

Kenshi turabona abantu bafise amano ahetamye, akura afata inzira itariyo ariko ntitumenye ico bivako, benshi barabigenderako batazi ko ari indwara canke ubumuga bise "Hallux Valgus" bashobora kuvura kwa muganga .

None mbega iyo ndwara imeze gute? iva kuki?ifise ingaruka izihe? twoyikingira gute?

"Hallux Valgus" n’amagufa yo ku mano makuru akura nabi, bigatuma amano makuru amugara, agahengama, iryo gufa rikamera nk’irivyimvye kuruhande arivyo bita "oignon". Iryo gufa rivyimvye rirababaza, bigatuma umuntu atambara ibirato ivyarivyo vyose. Rero iyo igufa ry’ino rikuru ryahetamye bituma iryo rino rikuru rija gufyonda ino rya kabibiri, bigatuma n’ayandi mano akurikira ashobora kumugara iyo atagikozwe.

Dr Cyrille Cazeau avuga ko iyo ndwara ishobora kuva ku bavyeyi mugihe nabo bayigwaye bigatuma n’abana bavyaye bayirwara (héréditaire), ishobora n’uguterwa n’ibirato twambara bituma amano amugara. Bakavuga kandi ko abagore aribo bakarirwa cane n’ubwo bumuga, bikavana n’uko mu ngingo ry’ino rikuru usanga hatagumye neza, ikindi naco ibirato bakunda kwambara bifyonda amano bimeze nk’ibisongoye imbere (chaussures à bout pointu) bituma vyongereza ubwo bumuga, n’ibirato birebire (haut talon) biratuma ikirenge cigirwa imbere aho ikirato gisongoye bikazana ubwo bumuga.

Ingaruka mbi z’ubwo bumuga bw’amano n’uko bitera ubububabare butuma umuntu yumva amerewe nabi, bikamubuza kwambara ibirato, canke akagira ingorane yokugura ikirato kubera adapfa ico aguze kuko kenshi ibirato vy’ugaye canke birebire bibaza aho haje igufa rivyimye,eka nayandi mano akurikira arababara cane kuko aca aremerwa, akamera nkayafyonzwe.

Mu kwikingira ubwo bumuga canke kubarwa, Dr Cyrille Cazeau aduhanura kwambara ibirato bidasongoye ku mano canke bitarenza isantimetero 3 zuburebure, bikozwe mu rushato rworashe kugira uwufise iyo ndwara ntababare.

Umuhinga mubijanye n’indwara z’amagufa, Nyakana Léon, akorera ino mu Burundi kuri Orthokiné Services, akavuga ko bashobora gukosora ayo magufa mugukorera umurwayi ivyo yambara bisubiza mu kibanza ayo magafa (orthèse corrective) kandi ko ari ngombwa kuvyivuza kare bitarashika kubarwa.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.