Accueil > Ibidukikije > Ubumwanya ngo bufise ingaruka mbi ku magara y’abantu
Ubumwanya ngo bufise ingaruka mbi ku magara y’abantu
mercredi 13 Ruhuhuma 2013
Gukoresha ivyo gutekeramwo ibintu bikozwe mu bikarasi ni bwo buryo bwiza bwo gukingira amagara y’abantu ,ibikoko no gukingira ibidukikije ngo kuko ubumwanya bumara igihe kirekire cane kugirango bushobore kubora ,ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi cane.
Ivyo vyashizwe ahabona mu ruganda rwatunganijwe mu ntumbero yo guhimiriza abantu kugabanya bimwe biboneka ubumwanya n’ibindi bikoresho bikozwe mu bintu bimeze nkabwo, ivyo rero bikazoshoboka mugihe urudandazwa gwabwo rwogabanuka kurugero rushimishije canke rugahagarikwa burundu.
U Burundi rero kikaba arico gihugu gisigaye kitaragira poritike nzinza y’ingene ubumwanya bwo gwanywa mu muryango w’ibihugi vya Afrika y’ubuseruko.
Ubumwanya rero ngo bukaba bufise ingaruka mbi cane ku magara y’abantu, ay’ibikoko ndetse no ku bidukikije. Aho twovuga nk’ikiyaga Tanganyika ngo giheza kikagira amazi mabi. Ivyo ngo biratuma kandi isindimwa itituka ndetse bigashobora gutera n’ihindagurika ry’ikirere.Nk’uko amakuru dukura ku nsamirizi y’igihugu abivuga.
Marie Claire Ingabire