IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bw’abarundi buhimbajwe Reta idakwiye

Ubumwe bw’abarundi buhimbajwe Reta idakwiye

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Umunsi mukuru wo guhimbaza ubumwe bw’abarundi wahimbajwe mu gihugu cose. Mu gisagara ca Bujumbura, uyo munsi watewe iteka n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, aho yahamagariye abarundi n’abanyagisagara kuwubungabunga, kugira amahoro igihugu kigezeko ntaze asubire inyuma.

Umukuru w’inama nshingamateka akaba yagarutse ku bishika aho abarundi bagomba gupfa ubusa kandi ari bamwe. Ati abasangiye ubusa bitana ibisambo, abarundi bonse rimwe, ntibari bakwiye kugira n’ikintu nakimwe co batandukanya canke ngo kibatume baryana. Amenyesha ko Reta iriko irihatira kurwanya ubusuma n’ubwicanyi iyo buva hose, mu gukomeza inzego z’umutekano zizigiwe n’abarundi bose, kuberako zihurikiyemwo na bene burundi bose, kandi zitangira bose. Reta rero ikaba izobandanya ikarihiriza ubwenge izo nzego, kugira zibandanye akazi kazo neza, mu gucungerera umutekano igihugu n’abanyagihugu bose.

Mu banyeporitike bari bitavye ivyo birori twashoboye kuvugana, bamenyesha ko uyu munsi ushitse mu gihe hari icuka kibi mu migambwe iri ku butegetsi, aho iyo migambwe idahuriza kw’itegeko rishasha riraba ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko, ndetse umugambwe UPRONA ukaba wamaze no kuva muri Reta irongowe na CNDD FDD.

JPEG - 33.3 ko
Domitien Ndayizeye, yahoze arongoye Uburundi

Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi, avuga ko uravye uko ibirori vyitabwe uyu munsi, bigaragara ko, mu banyagihugu hari ikitagenda neza, ivyo akabivuga aravye ukuntu abari mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA batitavye uyo munsi, bivanye n’ukwo abari muri uyo mugambwe bababajwe n’ukubuzwa ukwiyunga n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, bufashijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, ndetse vyatumye, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu abogozwa mu mabanga yiwe, ubu akaba yarahunze kubera umutekano muke.

Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye akavuga ko, naho ubumwe bwotosekara, abarundi bafise itegeko ko ryo kubusanasana kuko atahandi abarundi bazoja. Avuga ko ubumwe bw’abarundi bwaje, igihe hari indyane zitandukanye, indyane z’ubwoko bwose. Gushiraho ubwo bumwe, bukaba bwari uburyo bwo gushigikira amahoro, no gusubiza umwumvikano mu bonse rimwe. Agasaba rero ko akarenganyo, guhohotera abantu vyohagarara, kugira ubwo bumwe ntibuze busubire gutosekara.

Eka no mu bihebeye Imana bari muri ivyo birori, bakaba basabiye Uburundi amahoro, kugira Imana ikize igihugu akarenganyo, ukuryana, ugupfa ibi na biriya. Eka mbere bakaba basabiye igihugu gukira akarenganyo gashikira aba na bariya, mu miryango itandukanye yaba iya poritike canke n’iyindi.

Ivyo birori rero bikaba vyari vyitabwe n’abantu batandukanye, harimwo bamwe mu bahoze barongoye Uburundi, umuhuza w’abarundi, bamwe mu bashikiranganji, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi. Ariko rero abarongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta ntabari baje co kimwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Eka n’abanyagihugu bari muri ivyo birori, bakavuga ko ubumwe atabwo babona, mu gihe bumva mu banyeporitike hakiri agatima ko kwihorahorana, abantu bagapfungirwa ubusa, abandi bagahunga kubera umutekano muke wabo, mu gihe kandi no mu barongoye igihugu batumvikana ku mategeko yotuma igihugu kirongorwa mu mwumvikano w’intwaro rusangi. Abo banyagihugu rero bamenyesha ko, ubumwe buza umuntu ahaze, kuko munda harara inzara hakavyuka inzigo. Ubumwe rero ku munyenzigo bukaba butoshoboka. Bavuga ko ikigoyi kibarembeje, na rirya babujijwe no kudandaza, ubu badandariza ku mutwe, mu gihe aho bari bama bariko basiganwa n’abaporisi, ndetse bakanakubitwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nyamara hari ikibazo mu burundi.... kabisa..

  • Uwu musi wubumwe bwabarundi ugeze ata bumwe buri mi gihugu,none ahatagira ubumwe hoba amahoro gute!inzara abanyagihugu batubitse umukandakandi abategetsibaguma biyubakiraama chateaux!impera nimperuka tuzorinda turonke abategetsbakunda uburundi

  • Si UBUMWE ahubwo ni UBUBWA

  • Ubumwe mumoko atandukanye ya barundi jewe ndabibemereye buriho, ariko mumigambwe nacanecane bamwebamwemubize ntabumwe bagira, nkongerankemeza ko abarundi batobato nubwobobamumigambwe itandukanye bagumana ubumwe hagatiyabo, ariko barabangamirwa bimwevyahatari nabamwetavugabitwangonabanyabwenge mukuzakubigisha ivyokwanka abobadasangije umugambwe. Murakoze.

  • Ubumwe ntihagira namba mu Burundi!! kuko abarundi benshi bararuhijwe nizi ntwaro zigikenya!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.