IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa buraya bwatanze igice ca mbere c’amafaranga bwemeye (...)

Ubumwe bwa buraya bwatanze igice ca mbere c’amafaranga bwemeye y’amatora

lundi 19 Nzero 2015

Amafaranga agera ku miriyoni umunani z’amafaranga y’amanyaburaya niyo yatanzwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya mu Burundi. Ayo mafaranga akaba azokoreshwa mu matora yimirije mu Burundi.

Patrick SPIRLET kw’izina ry’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya mu Burundi, ari kumwe na Tabu ABDALLAH Manirakiza kw’izina ry’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, bateye umukono kuri uwu wa mbere ku masezerano y’amafaranga yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya. Ayo mafaranga angana n’imiriyoni umunani z’amafaranga y’amanyaburaya, akaba azokoreshwa na PNUB mu myiteguro y’amatora mu Burundi.

JPEG - 117.8 ko
Patrick SPIRLET, aserukira mu Burundi ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya

Ayo mafaranga imiriyoni umunani z’amanyaburaya yatanzwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya mu Burundi, akaba ari igice ca mbere c’ayagera ku miriyoni 15 z’amafaranga y’amanyaburaya (imiriyaridi 29 z’amarundi), yemewe n’ubwo buserukizi, mu mugambi PACE 2015 (Projet d’Appui au Cycle Electoral 2015 au Burundi). Ayo mafaranga yose akaba azokoreshwa na PNUD mu gushikiriza umurwi CENI ujejwe gutegura amatora ivyankenerwa mu gutegura ayo matora yitezwe muri uwu mwaka w’2015.

Ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya mu Burundi bumenyesha ko bwiyemeje gufata mu mugongo imyiteguro y’amatora ahuza bose, ku mugaragaro kandi yubahiriza urupapuro rw’inzira rw’ivyo abanyeporitike bumvikanye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyovyose nibimenyetso vyerekanako abakindabagaramye ngobatobe amatora baruhira ubusa.

  • batinye kubona uburusiya buriko bwegera uburundi bwonyenye atari abarundi baburondeye none baratinye.
    Uburundi buraryoshe bwabundi bahu nitube twiyemera!!!

  • Gutanga amshera yo.gutegura amatora ni.vyiza ariko je nosaba ko abarundi meotora abantu bashobora gukubura au moins naho baba.witegereje igisagara ca Bujumbura umwanda uri.muri.co. ,abo banyakungamwambaye amakoti muca muri uyo munuko,ntasoni ko ahari umugabo harangwa n isuku hagashira umugayo.ariko muravye mwebwe mwibaza abarundi.ko ari abo baba i Bujumbura gusa,raba mugihugu hagati ukuntu abantu.bishwe nubukene n inzara ,umwanada ,none mutwara ibiti canke mutwara abantu.pfuma muraba uwo mubanyi.wanyu.aho..haruguru,ntubona ko yegeranije ubuhanga akaza arabusegerako amahera ku bazungu ,ntubona.ko ahaba hakubuye.none mwebwe konzi abafuye muri ico gihugu ari benshi ntimube namwe mwarabwegeranya mukaza murasegesha kugira murabe ko babaha menshi,mbeho ayo babaha muyamaza iki ?nako ndibagiye mwiterera amavoka mukubaka ibibuga,umunyagihuga ashonje aca aja gutera agapira agaca ahaga.ayo.mahera yamatora yarajwiy gukora amatora meza abanyagihugu bakitorera ababarongora atari abomekerano ,atari ababanyagaamatongo.yabo,atari ababacura bufuni na buhoro atari abatware ariko ari abarongozi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.