Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku kiringo ca gatatu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku kiringo ca gatatu ca (...)

Ubumwe bwa Buraya bwerekanye aho buhagaze ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza

vendredi 6 Ntwarante 2015

Amasezerano y’ Arusha yo kubahirizwa n’umukuru w’igihugu, kugira ikiringo ciwe ca gatatu ntikize giteranye abarundi nk’uko bivugwa na Patrick Spirlet, aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi.

Patrick Spirlet, aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi

Ku bwa Patrick Spirlet, Ukwitoza kwa Petero Nkurunziza mu matora yo mu mwaka w’2015, yoshobora gutuma haba icuka kibi mu gihugu nk’uko uwo aserukira Ubumwe bwa Buraya yabibwiye abamenyeshamakuru, inyuma y’umubonano wari uhejeje kubahuza na bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi. Patrick Spirlet aremeza ko amasezerano y’Arusha y’amahoro n’ukunywanisha ku Burundi, akwiye kwubahwa, na cane cane ko ayo masezerano adaha uburenganzira na bumwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bwo gusubira kwitoza ubwa gatatu.

Asaba Reta y’Uburundi kwubaha ayo masezerano, ndetse Reta ikumviriza abayihanura yaba abari mu mashirahamwe atandukanye, na cane cane ko ayo nyene amaze kugira ico avuze kuri ico kiringo nyene, akatari gake. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure yari muri iyo nama, avuga ko amasezerano y’Arusha akenewe , ariko ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi naryo riza riruta ayandi mabwirizwa yose.

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Tukabamenyesha ko Ubumwe bwa Buraya, Reta zunzubumwe z’Amerika, Ishengero rya Gatorika mu Burundi, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike na bamwe mu bahinga mu vy’amategeko, bamaze kumenera inda ku rukumu, ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, amategeko amuha ibiringo bitarenga bibiri, kugira arongore Uburundi, hamwe yitoje ubwa gatatu, yoba aje guhonyanga amategeko, ndetse bakabona ko vyotera n’indwano mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Reka turindire turabeko yumva impanuro si bizoba bitoroshe kuriwe n’ abiwe bamuhenda!Ukuri kuzofata ijambo!!!!!!

  • No mw’ibwirizwa shingiro ntaho bavuga ko umuntu arenza ibiringo bibiri. Kandi nta ngingo n’imwe umukuru w’igihugu arekuriwe kurenga. Uri umushikiranganji, menya ko uhagarariye igihugu atari uguhagararira umuntu ngo nuko ari umukuru w’igihugu. Uhagarariye Leta, kandi Leta siyo itanga umu candidat. Ntinamwemeza canke ngo imuhakana kuko siyo CENI.

  • Peter aramutse yitoje induru zivuga amenye ko azoba agiriye nabi abarundi bose, umuryango wiwe mbere n’umugambwe wiwe nyene. Ku giti ciwe azoba yiteye iceyi atopfa yibagiye mu buzima bwiwe. Akaramuka atangaje ko azitoza nta n’iminsi izorenga ibiri atamenyesheje ko abihevye kandi ce sera trop tard pour lui.

  • - Ntategeko narimwe riha uburenganzira peter bwo gusubira kwitoza , yaba accord d’Arusha canke LA CONSTITUTION ntanahamwe yemerewe nareke rero kwirirwa aramena umutwe abarundi bari bitekaniye kandi banakenye natware ayo mahera yivye nabiwe turayamuhebeye tuzorondera izindi mfashanyo hanyuma dukorere igihugu gitere imbere
    - Nimba afise ubwoba yuko azohava asubirira rdjabu mu CACHOT natekane ubutungane buzomutunganiriza , abo nabo bamuhenda ngo amaze gutwara rimwe nibarindire ya TOLRANCE ZERO birirwa bararimba igire idodore batereya amatengatwa hejuru umwe wese azosama rwiwe , Peter ntatuzanemwo intambara ntayo tugikeneye natekere ivyiwe ahave kuneza
    - KANDI IMANA VYOSE YARABIHARUYE IRABIPIMA NAGEZE AHO ABISE ABANDI VYANSE KUNEZA TUZOBISHIRA MUMIGERE KANDI IL VA REGRETTE SA VIE DURANT
    - A bon entendeur salut!!!

  • UWANDITSE IYINKURU NIKIGUGU KUKO AFISE IVYO AGAMIJE!!!!!!!!!!!!!! ABO BANYABULAYA BANYU BAVUGA ATI: ARUSHA IKURIKIZWE; IBWIRIZWA NSHINGIRO RYUBAHIRIZWE; ATI IVYIMPARI VYIBWIRIZWA NSHINGIRO VYEGA ABARUNDI UBWABO!!!!!!!!!!!!!!!!!! UWANDITSE AKO KATAGASHIZEKO KO ABARUNDI UBWABO KO ARIBO BAZORABA IVYO BUMVIKANYE MWIBWIRIZWA NSHINGIRO??????????!!!!!!!!!!!!!!!! UMWE MUTIMA WAZE UYAGIRA KUBUTEGETSI PACIFIC IGIHE YAJA HANZE NTAVUZE; ABAZUNGU BAMUBWIYE KO ATACO BOKORA KANDI BATOSHOBORA KWINJIRA MUVYO IBWIRIZWA NSHINGIRO RIVUGA BAMUBWIRA KO ARIVYA BARUNDI UBWABO. WE YACIYE ABASABA KO YOZA I BUJUMBURA AGATANGUZA INTAMBARA; NKUKO YAVUZE KO ATANGUJE URUGAMBA RWO KURWANYA PETERO NKURUNZIZA HAMA ABAZUNGU BARAMUWE BAZOCE BAZA GUSUKAMWO MABISI NIMBA IYONTAMBARA IZOBA YASHOBOTSE; HACE HABA LETA NFATA KIBANZA!!!!!!!!! MUKABA MUTARI MUBIZI NIMUBIMENYE!!!!!!!!!!!!!!!!! UYO ASERUKIRA UBULAYA MUBURUNDI NICO GITUMA AVUGA NGO NKURUNZIZA YUBAHIRIZE ARUSHA NIBWIRIZWA NSHINGIRO NGO NAYO IMPARI NIZABARUNDI. AHO YAKEBUYE PACIFIC KO ATORERA AMABOKO NIMBA YIFUZA LETA NFATA KIBANZA.

  • sihondi we niwe urikijuju canyuma kwisi kandi imisi yose wama ushigikira amafuti

  • hari abadatahura bafatigice kwubahiriza ibwirizw shingiro nugukora ibirigize rivugako umukuru wigihugu atarenza ibitingo 2 atowe nabanyagihugu ubwabo atawe batumye none mwebwe kuva muri 2005 gushikubu mumaze gutora umukuru wigihugu kangahe? ariwewe ugiye keitorera jewe nirimwe gusa 2010 nayo2005 nibobazuko babigenjeje yobareka tukamutora ntihagire uwusubira kuvugako twatumye ntiharimure canke kiburumwanya ahubwo ko
    ukundabanyagihugu nimubigidhe ntazotogwe nayokuvugako mujamwibarabara intabara urayitera ntawumenyaho iherera turindire turabe nayo ivyaburaya nuburundi ntibisa gusaabatutsi icobagamine twaramaze kukibona twobamaso igiti ntikigukora mujisho 2ubawasamaye

  • ewe sihondi emwe sihuri nyene ubwo bujuju bwaw ntah buzokgza kand wegmira igiti kidakomey mukajan nac ntaco mvuz buzoc ubbone kand sishigikiy intambara muga ibay nabaw barajamwo vyiza niyumve impanuro kuk naw hari beshi yahanuye naw niyemer ahanurwe hama aze tubandanye kwirimira nakar nabonye abikunda ndamwipfurizak yohava neza hama ubuzima bukabandany agiriy abarundi ikibi aba agiriy n umwana wiwe kk ejo canke hirya yejo murashobora ghura nu mwana wiw cnk umwuzukur ukavuga urya mwana sewiw yari ntwari ntaciza gihari nko kuvugwa neza cnke bakavuga neza uwahoz ari so wawe naho yobahari cnke atakiriho niteka ryamber benewacu urazi iyuciy kubantu ukumva bavuga so wawe ngo yarumuntu mubi urumva gahinda ukibaza impamv yabikora muga tuba dukwiy kumenyak ivyisi turabirondera kand twarushe muga bikazoruhira kurya abandi ivyisi n gatebe gatoki ejo ushobora kuba ukiz ejo bigahera kand ubuzima burabandanya gushika umusi waw ugeze kand vyose bisigar ah kwisi icugend utway ni mpuzu nishuka gusa kora ineza uzoysanga imbere

  • Ababanyaburaya iyotubasigurira uko abanyamakuru bacu bahindiye canke batekenitse ivyobavuze baratabgara yose! Akarorero ababanyaburaya bavuzengo: Ukuri gukurikizwe nibwirizwashingiro ryu Burundi ryubahirizwe, wuvirije rero ivyobavuga, ugaca wumbiriza prezida Nkurunziza ukuntuyamayaririmvye avugako atazokwitoza kugatwekiwe ariko azotangwa numugambwe wiwe aturukamwo atariko nawonuene wisunze amategeko nibwirizwa shingiro ryu Burundi, ubikurikiranyenezarero urabonako ababanyeburaya ivyo prezida Nkurunziza avuga nabonivyobasubiramwo kuvuga. Bene data bamenyeshamakuru rekakwihatirako igihugucanyu cokwankwa mubindibihugu, canke munyemerere ndabizabire mugabanye icotwita gukomeza kuko igihe ivyomushaka kobiba bitazo rengana nimwebwe muzovamwo abahunga atawubirukanye. Ivyonavyo tukabisanga mugitabo eranda bibiliya Mumigani. Ntagihimbanshoboyekwibuka uwobazi icogihimba icarico yocakidushiriraho, Ariko abajambo avugako abanyakibibahunga atawubirukanye, ngwariko abagororotsi bobo bagumya umutima nkintambwe.

  • UBUMWE BWABURAYA NTIBWITIRANYE INTWARO YOKURI NDADAYE,NINTWARO YANYAKUBAHWA PETERO NKURUNZIZA.BAREKE ABARUNDI TWIBANIRE NTITUBAYE ABANYA RIBIYA BAHENZWE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.