Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburaya bw’injiwe n’abihevyi b’abadjihadiste - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburaya bw’injiwe n’abihevyi b’abadjihadiste

Uburaya bw’injiwe n’abihevyi b’abadjihadiste

vendredi 16 Nzero 2015

Inyuma y’indwi imwe gusa habaye ibitero vyahitanye abantu 17 mu gihugu c’Ubufaransa, Ububirigi bwaciye busaka ibibanza bwiketsemwo abitwaza iterabwoba.

Muri iryo sakwa ryabereye mu bisagara vya Verviers, Bruxelles na Vilvorde, abihevyi b’abadjihadiste bakaba baciye bugururira umuriro ku bariko baragira isakwa. Muri iryo sakwa nk’uko bivugwa na Thierry Werts icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika, akavuga ko abo bihevyi baciye bugururira umuriro ku baporisi bakoresheje ibirwanisho bikomeye vy’indwano, abo baporisi nabo bakaba baciye bivuna, muri abo bihevyi b’abadjihadiste babiri baca barapfa, umwe arafatwa, hakaba hafashwe ndetse n’ibirwanisho bitari bike vyari mu minwe y’abo bihevyi.

Mukamenya ko kugeza kuri uyu wa gatanu, isakwa ribandanya mu gisagara ca Bruxelles, mu gukinga ko abo bihevyi batohava bikika mu ryahumye ngo batikize inganda. Mu giporisi c’ico gihugu bavuga ko ataco baratakaza kugeza ubu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibatuze izo ntagondwa atakindi kibaranga atarukwica,mbega iyo n’Imana bakorera?

  • Abazungu nyene nibo babaha trainings z’ubwihebe bibaza ngo bazoca babatuma muri Syria canke Irak ariko urucira mukaso rukarya nkoko.Ahubwo bazobimenya abihevyi basutse urufaya muri USA(high sponsor of terrorism in the world) naho!!Bo bibaza ko bazoguma bavuruga ibihugu bikenye gusa maze birir’amagi iwabo muma Etages ata nkomanzi forever????!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.